Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo CFCIB cahawe imfashanyo y’imiriyoni 150 z’amafaranga y’amarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ikigo CFCIB cahawe imfashanyo y’imiriyoni 150 z’amafaranga y’amarundi

Ikigo CFCIB cahawe imfashanyo y’imiriyoni 150 z’amafaranga y’amarundi

jeudi 16 Nzero 2014

Ubufaransa bubicishije ku buserukizi bwayo mu Burundi bwatanze imfashanyo igera ku miriyoni 150 amafaranga y’amarundi. Iyo mfashanyo ikaba yahawe ikigo kijejwe ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi CFCIB (Chambre Fédérale de Commerce et d’Industrie au Burundi).

Kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 15 Nzero, ubuserukizi bw’ igihugu c’Ubufaransa mu Burundi bwarahaye imfashanyo ikigo CFCIB ingana n’imiriyoni 150 z’amafaranga y’amarundi. Iyo mfashanyo ikaba izofasha abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ariko ayo mafaranga akazohabwa abo badandaza biciye mw’ishirahamwe ryo kuguranana, aho umudandaza wese azoshobora kuronswa ingurane izoja hagati y’amafaranga 500000 hamwe n’imiriyoni 2 z’amafaranga y’amarundi.

Uwurongoye ikigo CFCIB Econie Nijimbere akaba yashimye cane iyo mfashanyo, akamenyesha ko hazofashwa na cane cane abadandaza bato bato batarasubira gutangura kudandaza kuva isoko nkuru ya Bujumbura ihiye. Econie Nijimbere asaba n’abagiraneza bandi kugira ico bafashije.

Mwomenya rero ko iyo mfashanyo itanzwe hasigaye iminsi 11 gusa umwaka ukaba urangire isoko nkuru ya Bujumbura ihiye. Iyo soko n’ubu ikaba ikiri umusaka, ata na kimwe kirakorwa mu kuyisanura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.