IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikigo CNIDH caratewe n’abasuma batamenyekana

Ikigo CNIDH caratewe n’abasuma batamenyekana

vendredi 5 Mukakaro 2013

Inyabwonko (mudasobwa) zine nizo zibwe n’abasuma bataramenyekana mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira iryo kuwa gatatu ku biro vy’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme)

Mu kiganiro yatanze ku nsamirizi Isanganiro, Frère Emmanuel Ntakarutimana umukuru wa CNIDH yamenyesheje babonye ko ubwo busuma bwabaye bagishika ku kazi mu gatondo. Abo basuma baciye mu ryahumye abararira ico kibanza, baca binjira mu nyubakwa CNIDH ikoreramwo.

Kugira bashikeyo, abo banyonyezi buriye ku mpome z’iyo nyubakwa baca babomora amadirisha mu gacerere ntangere, nk’uko Frère Emmanuel Ntakarutimana umukuru wa CNIDH yabandanije abisigura.

Frère Emmanuel Ntakarutimana arahumuriza abanyagihugu, amenyesha ko amadosiye makuru makuru y’ubuzima bw’igihugu atibwe kuko bafise ubundi buhinga bwo gushingura dosiye zikomakomeye.

Abajejwe umutekano bakaba batanguye amatohoza mu ntumbero yo kumenya abivye ivyo bikoresho vy’umurwi CNIDH, n’impamvu zabibatumye.

Twobamenyesha ko umurwi CNIDH washinzwe mu rwego rwo gukinga ibikorwa vy’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.