IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikigo NGD kigiye kurihira bamwe mu banyeshure atako bifashe amahera y’ishure (...)

Ikigo NGD kigiye kurihira bamwe mu banyeshure atako bifashe amahera y’ishure ya za kaminuza

jeudi 7 Myandagaro 2014

Abanyeshure batandatu bava mu miryango itishoboye bo mu ntara zibiri z’Uburundi zahuye n’amagume ahitiye kuruta izindi, nibo bagiye kuronswa amafaranga y’ishure mu mwaka w’ishure buca utangura.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ikigo NSENGIYUMVA Global Development, uyo mugambi wo kuzorihira amafaranga y’ishure abanyeshure bagera kuri batandatu bava mu makomine ya Muhuta, Mutimbuzi, Bugarama ziri mu ntara ya Bujumbura, hamwe na Rumonge iri mu ntara ya Bururi, ukazofasha abana bava mu miryango atako yifashe. Babiri baziga mu mashure y’ubuganga, 2 muri kaminuza, 2 bazoba bashaka kugira igice ca bagatu c’amashure ya kaminuza. Abo bose bakazofashwa n’ico kigo, ku bijanye n’amafaranga y’ishure. Uwo mugambi wo gufasha abo banyeshure ukaba uri mu mugambi wa Bene Data Union ukukira ikigo NSENGIYUMVA Global Development.

Mukamenya ko ico kigo gisanzwe gifise intumbero yo gufasha mu mibano, amagara y’abantu, inkino eka no mu gisata c’indero. Muri uyu mwaka w’ishure urangiye, ico kigo kikaba caratanze ibikoresho vy’amashure ku bana bagera kw’ijana na mirongo ibiri na batanu (125) bava mu mitumba cumi n’itanu ya komine Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura. Abo bana bakaba batowe kuko bava mu miryango itishoboye biga mu mashure mato n’ayisumbuye. Umukuru w’ico kigo John Clinton Nsengiyumva, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ubu bwa vuba, bagiye gutanga ibindi bikoresho ku batishoboye barerewe mu bigo vy’impfuvyi mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Bujumbura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.