Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR cahaye imfashanyo ishirahamwe Uburundi bwacu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR cahaye imfashanyo ishirahamwe Uburundi bwacu

Ikigo OBR cahaye imfashanyo ishirahamwe Uburundi bwacu

samedi 23 Munyonyo 2013

Ishirahamwe Uburundi bwacu ryaronkejwe n’ikigo OBR (Office burundais des recettes) amafranga agera ku miriyoni 8.400000 y’amarundi, ayo mafranga akazofasha abakenyezi b’abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Kuri uyu wa 22 Munyonyo Ikigo OBR (Office burundais des recettes ) carahaye ishirahamwe’’ Uburundi bwacu’’ imfashanyo igera ku miriyoni 8.400.000 y’amarundi ayo nayo akazofasha abakenyezi b’abadandaza bato bato baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ayo mafranga akaba yavuye mu bakozi b’ikigo OBR.

Ku bw’umunyamabanga nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe’’ Uburundi bwacu’’,Niyonzima Melchiade, ayo mafranga mu gufasha abo badandaza baca bayacisha mu mashirahamwe atanga ingurane CECM, WISE, hamwe na kazoza finance. Ayo mashirahamwe bakaba bari bagiriraniye amasezerano n’iryo shirahamwe Uburundi bwacu kugira basubire bahe ingurane abakenyezi Ib’abadandaza bato bato baburiye ivyabo mw’isoko, nabo basubire kuvyura urudandazwa rwabo.

Ukwo ayo mafranga akora rero, buri mudandaza aronka ideni ry’amafranga 100,000 asubiza ata nyungu akayariha mu mezi ane gushika kuri munani. Abo bakenyezi baba baregeranijwe mu mirwi y’abantu batanu canke barenga, ugasanga buri murwi uronse amafranga angana 1,000,000. Holmes Kieran arongoye ikigo OBR mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko OBR itari gushobora kwirengagiza izo mbabare kuko ico kigo kiri mu vyari bisanzwe bikorana n’abo badandaza.Yarangiza ashimira abakozi b’ikigo OBR bemeye kugira ico batanze.

Mwomenya ko imirwi 97 ari yo imaze kuronswa ingurane n’ayo mashirahamwe yo kuguranana abagera ku 612 akaba aribo bamazen kuronka amadeni yose hamwe akaba agera ku mafranga 55.940.000 y’amarundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.