Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutekeno muke kubwato buca mu kigobe ca Guinee - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umutekeno muke kubwato buca mu kigobe ca Guinee

Umutekeno muke kubwato buca mu kigobe ca Guinee

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Mu gihe c’imyaka cumi ikigobe ca guinee kirangwamwo umutekano muke kandi ikaba ingorane mu karere kubijanye n’urudandazwa ni mu ntumbero iyo nama yabaye kugira ivyo bihugu birabe ingene vyorwaniriza hamwe ibisuma vyo mu mazi,umutekano kuri ivyo bihugu bitera ingorane kw’iterambere ryavyo mu gihe ivyo bihugu vyari bigiye gutera imbere kubera ibitoro biri muri ivyo bihugu,Amerika yonyene igura ibice 29 vy’ibitoro cane cane muri Nigeria itanga vyinshi hafi baril 3 000 000 hamwe n’ibihugu vya buraya bironka ibice 40.

Ibihugu biri aho bitanguye kubona ko bikwiye gutangura kuraba ingene bokorera hamwe ni co gituma haheruka guhura ibihugu bisangiye ako karere kugira barabe ingene borwanya abo basuma baguma batera ubwato buca aho muri co kigobe ca guinee,ivyo bihugu rero biriko birabira hamwe ingene vyoshira hamwe inguvu biciye muri CEEAC NA CEDEAO .

Ivyo bihugu vyatahuye ko bifise uruhara rwa mbere kugira biteze imbere umutekano n’ibijanye n’ugutwara neza ,inyuma yitorwa ry’ibitoro biri ng’aho vyatumye ako karere kabonekamwo inyungu nyinshi,ariko bakaba barabonye ko bari birengagije ibijanye n’umutekano wo mu mazi.Ivyo bihugu biri kunkengera z’izo nzuzi zibone ingene Ibihugu vya buraya na amerika bigaragaza ko bikeneye ako karere karimwo ubutunzi bufitiye inyungu ivyo ibihugu .

Delta ya niger,muri nigeria ni yo yarizwi ko ifise ibibazo vy’umutekano imyaka myinshi iheze kubera ugucukura ibitoro n’ubukene buharangwa kuko inyungu zagiye kubatwara amahinguriro acukura ibitoro ivyo bituma haba kurondera inyungu biciye mu mihari ikoresha inguvu, barondera izindi nzira zo kurondera inyungu nko gucukura bidaciye mu mategeko no kudandaza ibitoro.ivyo rero vyatumye baronka inguvu bagura n’akarere bakoreramwo murivyo bikorwa bibi.

Intege nke kubijanye na politike yo gutwara ibintu mu mazi hamwe no kudakorera hamwe vyatumye abo basuma bo mu mazi bashika no mu bindi birere vyakure kandi bakaba batiba gusa ubwato butwaye ibitoro bakaba basigaye bagira ibitero bikomeye n’ubuhinga bukomeye aho nyene mu mazi,ivyo rero vyatumye ibindi bihugu vyigana haza n’iyindi mirwi nko muri cameroun,guinea equatorial,sao tome et principe ,benin Togo.

Ivyo bihugu bikibaza ingene botora inyishu mu gukuraho iyo ngorane bitararenga inkombe.igihugu kimwe kimwe n’akarere biriko birakora ngo bishireho kandi bitegurire hamwe ibikorwa .Ibihugu bigeramiye cane biriko biragura ibikoresho vyotuma bashobora kurwanya neza izo nkozi z’ikibi .Hakaba harashizweho n’umurwi wa karere ka CEEAC,bagakorera hamwe n’imyimenyerezo ariko uburyo bukoreshwa n’ikibazo gikomeye kuri ivyo bihugu .

Iyindi ngorane ni uko politike yogukorera mu mazi isa n’iyitariho canke idakomeye hagati y’ibihugu na Nigeria kandi ata gucungera neza amazi biriho umwanya wose.
Muri CEDEAO imigenderanire muri ico gisata n’iho igitangura kandi ikaba itabandanya neza kuko ivyo bihugu biguma bifise ingorane za politike nukwinubana n’iguhugu kibanyi ca Nigeria

Kubijanye nogukorera hamwe na CEEAC biriko birigwa vyotuma haba guhiga abo basuma mbere n’imbibe zikarengwa source crisis group report 201


Gildas Ndihokubwayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.