Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikindi gikomere ca Messi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikindi gikomere ca Messi

Ikindi gikomere ca Messi

lundi 11 Munyonyo 2013

Haheze iminota 20 y’urukino rwahuza umurwi wa Fc Barcelone na Real Betis mu mahiganwa ya Champiot d’Espagne, Lionel Messi yafashwe n’ingorane z’imitsi y’ukuguru kw’i bubamfu, ivyo vyamenyeshejwe n’abo muri Fc Barcelone.

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Argentine, amaze gutwara umupira w’inzahabu incuro 4, yamaze umwanya ahagaze mu kibuga arindiriye ko bamusubiriza na Andres Iniesta k’umunota wa 21 w’urukino, rugize rwa 13 mu mahiganwa ya Liga, uwo yasohotse iyo mirwi ifise 0-0.

Messi afise umutsi wakomeretse mw’itako ry’ukuguru kw’i bubamfu. Ku murongo ntangazamakuru wa Barca (Twitter), bavuga ko uno munsi w’igenekerezo rya 11 Munyonyo 2013 aja kugirisha ibipimo kugira bamenye vy’ukuri ico uwo mukinyi rurangiranwa arwaye. Kuva umwaka utanguye, uwo ntiyigeze aronka agahengwe mu maguru, bizohava rero bimubuza kwitaba urukino kivandimwe ruzohuza igihugu ciwe n’igihugu ca Equateur hanyuma na Bosnie-Herzégovine, hazoba ari mu ndwi itangura.

Ku mpeshi iheruka, Messi ntiyashoboye kuja mu kibuga kubera imitsi y’ukuguru kwiwe kw’iburyo, yasubiriye kujayo mu kwezi kwa Myandagaro guheze. Mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga, hafatwa ukuguru kw’ibubamfu, aho yaca amara indwi zibiri adahonyoje ikirenge mu kibuga.

Agarutse, vyarabonetse ko umuvuduko yahorana wagabanutse. Yikwirikiranije akina inkino zine adatzinda, yarivyukiranije mu nkino zahuje Barcelone na Milan AC aho yaciye aronka ibitsindo bitatu. Kuri uyu wa gatandatu uheze, wenyene yaremeje ko adakomeye 100%. Avuga ati:” nakomeretse kabiri gakwirikirana, ariko bukebuke nzokira.” Ivyo yabivugiye ku rubuga rw’ingurukanabumenti rwa UEFA.

Ibihe bibi biriko bishikira uwo mukinyi yambaye inomero 10, bitanga icizere gike co gusubira guhabwa umupira w’inzahabu kuko ubu afise ibitsindo 8, wa mukeba wiwe Cristiano Ronaldo wa (Real Madrid) afise 16. Uno mwaka ntiyerewe!
Naho atashoboye kurangiza urukino, bagenzi biwe baravyifashemwo neza mu gutsinda Real Betis ibitsindo 4-1, Fabregas ibitsindo 2, Neymar na Pedro kimwe kimwe.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Urwego Messie ageze mwo mu mukino w’umupira w’amaguru(football), rurahanitse cane kandi akina neza cane. Atari inzigo n’ishari se rivaux bamufitiye, bituma aronka imidari myinshi n’amahera y’umurengera. Akundwa n’abantu bose, ntawutamutamarira kw’isi. Kubera iyi si yamaze gutosekazwa na shetani, ni ukuraba neza ko izo ngwara z’imitsi zitavuye ku ma raiyons X n’ibindi bigendajuru bicira ubumara. Mafia kimwe na terrorisme biri henshi.

  • NONE MESSI MUBONA AZOKIRA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.