IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikindi kiziga mu gisagara ca Bujumbura

Ikindi kiziga mu gisagara ca Bujumbura

lundi 16 Kigarama 2013

Hari ikiziga c’umuntu w’ umugabo catowe iruhande y’ishure Lycee Notre Dame de Rohero, abakibonye bakavuga ko yari umugabo akuze, kandi vyagaragara ko yishwe urw’agashinyaguro.

Abo twahasanze ndetse batumenyesheje ko ari naho basanzwe baba, bavuze ko uyo muntu atariho yiciwe, kuko bari kuba bamwumvise akoma induru, bavuga ko yiciwe ahandi hantu, maze azanwa gutabwa aho. Ivyo rero bikaba biteye umutima uhagaze abanyagihugu twasanze muri ico kibanza kiri iruhande y’iryo shure ryisumbuye, kuko bavuga ko ivyo kwica abantu bakaja kubata kure yaho bakoreye mwene iryo shano, bitari biherutse kuvurwa mu gisagara ca Bujumbura.

Ico kiziga gitowe mu gisagara ca Bujumbura kikaba kibaye ica kabiri muri iyi minsi, inyuma y’uwundi akora mw’ishirahamwe ry’abacungera inyubakwa City Security, yagandaguriwe aho yararira ku nyubakwa y’ibanki Ecobank n’abantu batigeze bamenyekana, ariko icatangaje abatari bake, akaba ari ukwo atanuwigeze yumva ariko aricwa, mu gihe hafi yaho, hari ikirindiro c’abaporisi.

Ico kiziga rero cari kiryamitse iruhande y’agashamba kari inyuma y’ishure rya Rohero, kikaba caciye gitwarwa n’abajejwe intwaro bo muri iyo komine mu buruhukiro, inyuma y’ugutangura amatohoza kugira abagirizwa ubwo bubisha butagira izina, bamenyekane.

Ahari haryamitse ikiziga imbere y'ukwo gitwarwa n'abajejwe intwaro n'umutekano

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.