IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikiringo c’iminsi itanu catanzwe caheze

Ikiringo c’iminsi itanu catanzwe caheze

dimanche 8 Munyonyo 2015, par egide

Kuri uwu w’Imana igenekerezo rya munani Munyonyo 2015 niho haheze ikiringo c’iminsi itanu yatanzwe n’umukuru w’igihugu kugira abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha babisubize kandi bishikane ku nzego z’umutekano. Abanyagihugu bo muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu nabo bakaba babandanya guhunga.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizoba zifise uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.
Mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ikiringo c’iminsi itanu arico gihawe abakora ububisha kugira babe bishikanye ku nzego z’umutekano.

Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yagabishije ko abatazokwitaba akamo yabateye gushika itariki indwi z’uku kwezi kwa Munyonyo 2015 bazoca bafatwa nk’inkozi z’ibibi, bahanwe n’amategeko agwanya iterabwoba, kandi bagwanywe nk’abansi b’igihugu. Abafashwe nabo yavuze ko bazoca bacirirwa imanza ikibiriraho.
« Ni akamo kanyuma tubateye, mubihebe bicitwa vuba ku neza yanyu. Atari uko muzosigara mwicuza ico mwabigiriyemwo. Mumenye neza ko umuhanuzi mubi angana umurozi, kandi ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. »

Mu nzego zijejwe umutekno w’Uburundi ntibaravuga namba hoba hari abishikanye, canke boba basubije ibirwanisho bari batunze, aho mukibuka ko umukuru w’igihugu yari yemeye ko abazokwitaba akamo yabatewe bazoca bahabwa inyigisho z’ugukunda igihugu.

« Reta umuvyeyi wa bose ibahaye iminsi itanu, kuva uyu munsi itariki 2 gushika itariki 7 z’uku kwezi kwa Munyonyo, yo guheba no kuva muri ubwo bubisha, muzokwakirwa n’abajejwe intwaro n’umutekano, mwigishwe gukunda igihugu indwi zibiri, muce musubizwa mu banyu. »

Mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, abaporisi bazindutse ari benshi kw’ibarabara rigabura Murakura na Cibitoke, ahatowe ibiziga bigera kuri bine kuri uwu wa gatandatu. Abanyagihugu batekewe n’ubwoba, bamwe babandanya guhunga, abandi nabo bakaba baguma mu mazu, mu kurindira ico inzego z’umutekano ziza gukora, mukibuka ko Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikino vyarangiye, hageze ko ibikorwa bitangura amajambo agahagarikwa.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikoresho bikomakomeye bishobora gukoresha kugira umutekano ugaruke, harimwo n’indege za gisirikare.


IGIHE

Messages

  • Abarundi Dushaka Amahoro.Ubuhinga Bwose Bwokora Bwokwisunga Iyubahirizwa Ry’agateka Ka Zinamuntu.Inguvu Siwo Muti.Abarundi Mumpande Zose Nibemere Kuganira Atawukumiriwe.

  • None burya ONU yahevye abanyagihugu no mu ma qartier ya mutakura cibitoke ? Ni kuki batorungika abasirikare ba ONU baje gutabara ? Erega ukwo baguma bateba gutabara nikwo umwicanyi Nkurunziza abandanya atikiza abantu ,none USA na ONU basigaje iki kugira baje gutabara ?

  • Emweee! reka turabe ikizokurikira inyuma y’iyo misi

  • Mbe ubu niho mubonako bikwiye ko ONU yorungikwa gutabara , ahubwo urumusazi kwitagiye gutabara aho Bikomagu yatera za Mortiers mu Kamenge ???

  • wewe uvugango barungike abasirikare ba ONU abasirikare buburundi bagiyehehe? Tubarire iyobagiye uzakuba ukoze. Urazikobibabaje kwumva umwana yifuzako hoza uyundimugabo kwigarurira nyina wiwe nabana buyundimugabo!? Uwomwana abarikitazi!.

  • Mb Abo Bantu Bahorwa Ik? Bo Mucitoke Na Mutakura!

  • gukoresha indege siwomuti ahubwo nibarabe ikibazo catumye ibirwanisho biraswa bagikemure abarundi barekegupfa bazira ubusa

  • yaba onu yoje gutera reta yuburundi nti tere mutakura-cibitoke.igahera kuri kizigenza kuko niwe nkwezi yamabi yakareka kwitoza ivyo ntibiba biriko biraba.turi maso basha paka dutembagaj reta yuburundi.ego .murakoze haburana 2hagatsinda umwe.nakadafi yarishwe hanabishwe.mukombozi at ntaco mvuzeeeeeeee!

  • nibamenye ko imana isumba ingabo umuntu ategura ivyiwe imana nayo igategura ivyayo .Nayo sindimwo amenye ko atari imana aracari muto mu vya politique Ahubwo niyicishe bugufi kuko na yezu yarabivuze ko uwushaka kuba mukuru ategerezwa kuba umusuku .

  • NIMUBAKUBITE IYOMIHIMBIRI

  • Wewe urumusazi? Mbega mbega ahomwitwaza onu ngira niyo yabahaye izonkoho? Uwo bazosanga atayafise azobakize uwuzoyifatanwa nawe bazomukorerako hanyuma kuri onu habe icobaye erega onu ifise ibihugu biyigize siya america,ububirigi gusa ahubwo nimwabona mutazitanze mutakura bazoyiteramwo amavoka ninanasi PNB komera tuzobafasha guhasha bamujeri

  • Mbega komuhiga kwica gamwaba dd bizobungur’iki?

  • Mbe Mana Abarundi Iherezo Nirihe ? Umukuru W,igihugu Cu Burundi Ara Kwiye Guhumuriza Aba Rundi Agakoresha Amajambo Ahumuriza Abamtu Bakareka Guhunga Nayo Abamaze Guhunga U N H C R Ibafashe Neza Ntangorane !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.