Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiyaga Tanganyika gikingiwe n’ubuzima bw’abarundi burahakirira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ikiyaga Tanganyika gikingiwe n’ubuzima bw’abarundi burahakirira

Ikiyaga Tanganyika gikingiwe n’ubuzima bw’abarundi burahakirira

mercredi 15 Rusama 2013

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama, mu nyubakwa Hotel star hatunganirijwe uruganda rw’ukwigira hamwe ibijanye n’itegeko rijanye no kuraba ibitigiri ntarenga kugira ntihononwe amazi na cane cane amazi y’ikiyaga Tanganyika.

Urwo ruganda rwari rwitabwe n’abanyecubahiro bamwe bamwe duhereye ku mushikiranganji w’ibidukikije Ir Jean claude Nduwayo, uwaserukiye Mairie ya Bujumbura, abaserukiye amashirahamwe mpuzamakungu yagize ico aterera muri urwo ruganda, aha twovuga nka PNUD, GEF, GIZ, n’ayandi.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji Jean Claude Nduwayo yasavye abari bitavye urwo ruganda bose gukora uko bashoboye mu gikingira ibidukikije na cane cane ikiyaga Tanganyika.

Yamenyesheje kandi ko ingingo zigiye gufatwa kuri abo bose basibanganya amazi y’ikiyaga ndetse n’ibindi bidukikije muri rusangi. Yarangije ashimira abitavye urwo ruganda bose cane cane ayo mashirahamwe adahengeshanya guterera mu gukingira ibidukikije.

Hakurikiye icigwa catanzwe mu ntumbero yo kwigisha zaba ingo, amahinguriro ari nayo bashimikiyeko cane. Intumbero nyamukuru y’ico cigwa ni itunganywa ry’amazi yamaze gukoreshwa. Ico cigwa catanzwe n’abahinga babiri, aribo Dr Casmir Harerimana hamwe na Damien Nindorera.

Muri ico cigwa batanguye barekana inkomoko y’amazi yamaze gukoreshwa aha bakavuga amazi yo mu ngo, ayo mu mahinguriro, ay’imvura hamwe n’ayava mu ndimo. Duhereye mu ngo baravuga amazi yo mu tuzu twa sugumwe, ayo bogesha ivyombo,muma hinguriro bavuga amazi kenshi aba arimwo ubumara bwica haba ku bantu canke ibinyabuzima vyo mumazi.bamenyesheje ko ayo mazi yo muma hinguriro ari ntambamyi ya mbere mu kwonona ikiyaga n’ibinyabuzima bikibamwo.

Basaba abo vyega kubanza gicisha ayo mazi mumahinguriro yo kuyasubiramwo imbere yo gushika mu kiyaga. Barangije basaba umuntu wese ahari, ukwo ashoboye ko yogerageza gukingira ibidukikije na cane cane ikiyaga Tanganyika.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.