Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiza ca Ebola kigeze muri Sierra Leone na Liberia - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ikiza ca Ebola kigeze muri Sierra Leone na Liberia

Ikiza ca Ebola kigeze muri Sierra Leone na Liberia

mercredi 26 Ntwarante 2014

Indwara ya Ebola iriko irakwiragira bimwe mu bihugu vya Afrika. Inyuma yaho iyo ndwara ibonekeye mu gihugu ca Guinee, ubu naho mu bihugu vya Sierra Leone na Liberia bavugwa ko ibimenyetso vyayo vyagaragaye ku banyagihugu.

Umwe mu bayobozi bo mu gisata c’amagara y’abantu i Free Town mu gihugu ca Sierrea Leone aremeza ko hari bamwe mu banyagihugu bo muri ico gisagara bamaze kugira ibimenyetso vya Ebola. Avuga ko hari umwana w’umuhungu yoba yaritavye Imana, afise iyo ndwara, ikindi akaba ari abanyagaihugu bo ku rubibe ico gihugu gihana na Guinee mu Bumanuko, hafi y’urubibe kandi na Cote d’Ivoire.

Ico kiza rero ca Ebola kikaba kiriko kirinjira buhoro buhora bimwe mu bihugu vya Afrika nka Sierra Leone na Liberia. Muri Liberia ho, abantu bagera kuri batandatu baramaze gufatwa. Ibihugu vyegeranye na Guinee bikaba bifise ubwoba ko bishobora kwandura ico kiza c’uyo mugera. Ebola ikaba ije isongera isibe mu kwica abanyagihugu bo mu bihugu bimwe bimwe, ku buryo abayanduye, 90 kw’ijana aribo bitaba Imana.

Abagangabakaba bariko barakora ibishoboka vyose kugira iyo ndwara ivurwe. Amashirahamwe mpuzamakungu yitaho amagara y’abantu nayo, akaba ariko arakwiragiza imiti, ibikoresho vyo kuvura, kugira bazitire ibindi bihugu ntibifatwe n’ako karanda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.