Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imanza za Kenyatta na Ruto zigiye kwimurirwa ahandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imanza za Kenyatta na Ruto zigiye kwimurirwa ahandi

Imanza za Kenyatta na Ruto zigiye kwimurirwa ahandi

mercredi 5 Ruheshi 2013

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC yamenyesheje ko kwimura imanza z’abayobozi ba Kenya Uhuru Kenyatta n’icegera ciwe William Ruto baregwa ubwicanyi bwakozwe inyuma y’amatora yo mu gihugu ca Kenya mu mwaka w’2007, muri Kenya canke muri Tanzania.

Iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha yavuze ko umwanya wo kwimurira izo manza muri Afrika ugeze kuko ababuranira William Ruto basavye ko imanza zobera hafi yaho akorera.

Bizoba bibaye ubwa mbere sentare mpuzamakungu mpanavyaha yimurira imanza ahandi hatari ku cicaro cayo.

Abakurikiranira hafi politike yo mu gihugu ca Kenya bavuga ko iyo ngingo ishobora gutuma izo manza zadukamwo amananiza.

Ivyo bibaye mu gihe abategetsi benshi ba Afrika baneguye ibikorwa vy’iyo sentare mpuzamakungu bavuga ko ikurikirana cane abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika gusa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.