Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imanza zirashobora gutuma ubuzima bw’urugo butosekara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imanza zirashobora gutuma ubuzima bw’urugo butosekara

Imanza zirashobora gutuma ubuzima bw’urugo butosekara

lundi 3 Ruheshi 2013

Twama twabibonye nk’iyo imisi mikuru yegereje, mu biyo vy’amaduka ubona vya biti bashazisha kuri noweri, ahandi naho ukabona imiduga ibura naho ikwirwa. Ico gihe rero kidasanzwe kirafise ico gikora ku buzima bw’abubakanye hamwe bamwe usanga baciye bunga ubucuti burenze abandi nabo ugasanga baratandukanye.

Kugira twumve kumwe ibintu ko abubatse bamwe bamwe batumvikanako mu bihe vy’imanza canke bigatuma bashwana cane, bisaba kwibuka gusa umwitwarariko urangwa mu bihe vy’urubanza, haba hari ibintu vyinshi bitegerezwa gutegurwa, incuti nyishi utegura ingene uzozicarika ukongera ukanazigaburira, aha rero muranywa cane kandi ugasanga munasohoye uburyo bwinshi.Mbere usanga hari hari n’ububeshi bugenda bwigaragaza muri ivyo bihe vy’imisi mikuru.

Abantu rero ngo rimwe na rimwe hari igihe usanga banarenze ibigo kugira bakureho wa mwitwararariko wo kuvana canke w’agahombo, ivyo bisigurwa n’umuganga Bonnie Eaker Weil. Iisi y’akaruhuko nayo nyene irashobora kuzana ibintu mwene ivyo.

Usanga naho nyene ufise umwitwarariko urengeje, usanga hazoza incuti musanzwe mutanaganira cane. Ugaca wongerako inkumbu n’ibigumbagumba vy’ivyo bihe muba muriko muracamwo, inzoga munywa muri ivyo birori umwanya wose aho rero uza ubona hivanzemwo ukutumvikana hagati mu bubakanye.

Ng’izi rero impanuro zitatu zotuma wirinda uwo mwitwarariko urenze w’imanza wohava unatuma umubano wanyu utosekara :

Boneraho akaryo ko gushigikirwa uba uhawe n’umukunzi muri ico gihe iyo agushigikiye.

Ni ukuraba cane ivyerekeye imfungurwa muzotanga n’ibinyobwa mwashize mu rubanza rwanyu: gutegura imfungurwa biratuma habaho umwitwarariko ukomeye.

Iga guhakana kenshi umenga, utegerezwa kugira izo manza. Namba udakeneye kumara umwanya munini n’umuryango wawe canke ugasanga ntushaka gusesagura amahera yawe utanga amaganuke, ca utegura ibintu uko uvyumva.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.