IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imanza ziteba gucibwa ziri mu bituma igitigiri c’abapfungwa kiguma (...)

Imanza ziteba gucibwa ziri mu bituma igitigiri c’abapfungwa kiguma ciyongera

mercredi 15 Nzero 2014

Uguteba gucira imanza abanyororo bakaguma mu mabohero, bituma Reta ihomba amafaranga menshi, ndetse ugasanga zimwe mu ngingo ziba zafashwe mu ntumbero yo gutezurira abamaze gukwiza ica kane canke abafise indwara zidakira, biteba kuja mu ngiro.

Ibohero ryo ku Murembwe muri komine ya Rumonge mu ntara ya Bururi, ryubatswe mu mwaka w’1958, rikaba ryategerezwa kwakira abapfungwa 800, muri iki gihe ririmwo abapfungwa 762, kandi muri bo ibice 90 kw’ijana baramaze gucirwa imanza nk’uko bivugwa na Paul Mirerekano asanzwe arirongoye.

Muri ivyo bitigiri, abagore ni 27, abana batarakwiza imyaka 18 ni 20 hamwe n’abana bakiri bato 6. Nk’uko Mirerekano abandanya abishikiriza, mu gihugu cose abapfungwa bangana n’7800. Abo bose Reta, ikabafungurira amafaranga angana n’imiriyaridi icenda z’amafaranga y’amarundi uko umwaka utashe. Ku bwa Paul Mirerekano arongoye ibohero ryo ku Murembwe, hamwe abanyororo bakwije ica kane c’igipfungo cabo borekurwa, vyotuma Reta iitahahombera, kuko imfungura zoca zigabanuka zihabwa abo bapfunzwe.

Nayo imvo zituma abapfungwa baguma biyongera, zikaba ari nk’imanza ziteba gucibwa, n’abakwije ica kane c’umunyororo batararekurwa, ico bita “libération conditionnelle”, ikindi kandi, avuga ko mu Burundi bihutira gupfunga aho bobaciye amahadabu mu makosa matomato. Paul Mirerekano agasaba ko hojaho itegeko rishiraho, ku bagirizwa amakosa mato mato, gukora ibikorwa vy’iterambere.

Tukaba twobamenyesha ko mw’ibohero ryo ku Murembwe, abarirongoye bitunganiriza ibikorwa vy’iterambere. Ni no muri iyo ntumbero, bashoboye kurima imyumbati ku buringanire bw’amahegitari 9 hamwe n’ibijumbu ku buringanire bw’amahegitari 6.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.