Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imfura ya Benfica de Lisbonne yaritavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imfura ya Benfica de Lisbonne yaritavye Imana

Imfura ya Benfica de Lisbonne yaritavye Imana

lundi 6 Nzero 2014

Umukinyi mpuzamakungu w’umupira w’amaguru yaritavye Imana. Igihugu ca Portugal kiri mu cunamo c’iminsi itatu kubera urupfu rw’umukinyi Eusebio.

Umukinyi Eusebio da Silva yavutse kw’igenekerezo rya 25 Nzero 1942, mu gisagara ca Maputo mu gihugu ca Mozambique cahoze gitwarwa mu bukoroni bwa Portugal. Kuva akiri muto cane yarakunda gukina umupira w’amaguru. Amaze imyaka 19,umurwi wa Benfica de Lisbonne waramugomwe hanyuma umugura kugira awukinire.
Ntiyatevye kwerekana ico ashoboye muri uwo murwi, inyuma y’umwaka umwe gusa yaciye atwara igikombe citwa «Coupe des champions d’Europe» bakinye n’umurwi wa Real Madrid warurongowe na Di Stefano, aho hari mu mwaka w’1962.

Eusebio yari umusatirizi ateye ubwoba w’umurwi wa Benfica, yaramaze kwinjiza ibitsindo bigera 733. Mu myaka 15 yakinye muri uwo murwi, yakinye inkino 440 yinjiza ibitsindo 473.Yarambitswe igitsibo c’umukinyi wa mbere mu kwinjiza ibitsindo vyinshi incuro zi biri mu myaka y’i 1967/68 n’i 1972/73.

Mu murwi wa Benfica, uwo batazira «ingwe yirabura» «Panthere Noir ou le Roi» canke «umwami», yabaye umukinyi wa mbere incuro 11 mu gihugu ca Portugal, yogera aronswa ibikombe 5 muri ico gihugu nyene. Mu mwaka w’i 1965, yaraserukiye abakinyi bose bafise urukoba rw’irabura kuko yarahawe umupira w’inzahabu ubwa mbere kuva isi iremwa hakabumbwa umupira w’amaguru. Ku buhinga bwiwe n’ubumenyi, yarahaye ikibanza ca 3 igihugu ca Portugal mu mahiganwa y’isi yose mu mwaka w’i 1966.

Mu Kirundi bati ; « ntayiruka itabunda », mu mwaka w’1975 Eusebio da Silva yarasezeye umurwi wa Benfica kuko atarakibasha, kuva aho yagiye akina mu mirwi isanzwe cane yo mu gihugu ca Amerika no muri Portugal kugira agume yiyibutsa aka kera.

Kuva ico gihe yaciye aba umuserukizi w’umupira w’amaguru w’umurwi wa Benfica, eka yaraserukira n’igihugu cose mu nkino zose zo muri ico gihugu no mu makungu. Iragi ryiwe ni ntibagiranwa muri ico gihugu kandi asigiye iragi ryiza umurwaruka rukunda umupira w’amaguru.

Yapfuye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Nzero afise imyaka 71 n’uburebure bw’imetero 1,75, ahitanywe n’indwara y’umutima. Amaziko yiwe ni kuri uno munsi wa mbere iruhande y’ikibuga ca Luz kiri mu gisagara ca Lisbonne ahubatswe icibutso ciwe, nk’uko yari yarabisavye.

Mwirabire ibitsindo bikomeye cane yinjiza


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.