Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambi igiye gushirwa mu ngiro mu bushikiranganji bw’ibidukikije mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Imigambi igiye gushirwa mu ngiro mu bushikiranganji bw’ibidukikije mu mwaka (...)

Imigambi igiye gushirwa mu ngiro mu bushikiranganji bw’ibidukikije mu mwaka w’2014

samedi 4 Nzero 2014

Mu ntumbero yo kurushirizaho guteza imbere no gukingira ibidukikije, ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, amatongo no gutunganta ibisagara bwerekanye imigambi igiye gukorwa mu mwaka w’2014.

Inyuma yaho ivyaranguwe mu bushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, amatongo n’ugutunganya ibisagara mu mwaka w’2013 bimenyekaniye kuri uyu gatanu wa 3 Nzero 2014, harongeye harerekanwa n’imigambi mikuru mikuru yategekanijwe kuzoshirwa mu ngiro muri uno mwaka.

N’kuko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, iyo migambi izofasha mu gutuganya ibikorwa biteza imbere ibisata vyose birabwa n’ubwo bushikiranganji.
Imigambi mikuru mikuru nayo yateguwe kuzoshirwa mu ngiro mu mwaka w’i2014 kaba ari : Gutera imivyaro y’ibiti igera ku miriyoni zitanu izoterwa mu ntara nka zose z’igihugu, imivyaro igera ku bihumbi ijana yo gukingira inkombe y’inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura, gutunganya ibibanza vyo kwubaka uburaro ku benegihugu, haba mu bisagara nka Bujumbura, Gitega, Ngozi eka mbere no hagati mu gihugu cose. Hazokwubaka kandi amazu y’amagorofa y’abakozi ba Reta n’abandi bafise ingorane z’uburaro mu gihugu, kubandanya igikorwa co gutororokanya amatongo yega Reta, kuyandikisha no kuyaronsa impapuro ndangatongo, kwubahiriza ihemero ry’inzuzi zo mu gihugu na cane cane ibiyaga vya Tanganyika, Cohoha n’izindi nzuzi zo mu gihugu twisunze itegeko rigenga amazi mu Burundi, kubandanya gutunganya ibirwati vy’amahoro mu gihugu cose.

Mu gisata co kumenyekanisha amakuru naho, hagiye gushirwaho mu bushikifanganji icumba co gutunganya neza amasanamu n’amajwi arivyo bita mu gifaransa "montage", abanyagihugu bagiye kuza baramenyekanishwa amakuru ajanye n’ingene ibihe vyifashe ku munsi ku munsi hano mu gihugu cacu, iminsi yose inyuma y’amakuru yo kumboneshakure canke ku maradiyo amwe amwe asamiranira mu Burundi. Bamwe mu bamenyeshamakuru nabo bakazokwongerezwa ubumenyi bwabo na cane cane mu gisata c’ibidukikije.

Ku kibazo c’abantu bububatse ku nkengera z’inzuzi canke abubatse bidaciye mu mategeko nabo, ubushikiranganji bw’amazi, amatongo no gutunganya ibisagara bwasubiye kubagabisha, bukaba bwatanze ikiringo c’indwi imwe kuva kw’igenekerezo rya 3 Nzero gushika kurya 10 Nzero 2014, kugira babe bibomoreye bonyene. Ataribuko naho ubushikiranganji bubijejwe buzovyikorera ku nguvu. Nayo kubacukura ubutare, amakariyeri, imisenyi n’amabuye bagasiga ibinogo vyuguruye, ubwo bushikiranganji bukaba bwatanze itegeko rivuga ko imbere yo gucukura, ababikora bazoba bafise kwanza uruhusha rubibarekurira.

Ikindi naco kuri abo bacukura, basabwa gutanga amafaranga mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka, kugira hamwe batosiga bafuriye ivyo binogo, ubwo bushikiranganji buzoce buvyikorera ku mafaranga azoba yatanzwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.