Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo hagati ya Obama na Beyonce rwatanguye kuvugwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo hagati ya Obama na Beyonce rwatanguye kuvugwa

Urukundo hagati ya Obama na Beyonce rwatanguye kuvugwa

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Urugo rwubatswe na Barack Obama na Michelle rwoba rugomba gusambuka, bikavurwa ko boba batagicana uwaka kubera ukurenga ibigo kuvugwa kuri Obama. Hariko havurwa ko yoba afitaniye imigenderanire n’umuririmvyi Beyonce.}

Mu kiganiro umwe muri bamwe bimba mu mizi amakuru «paparazzi» Pascal Rostaing yatanze ku nsamirizi ya Europe 1, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama w’imyaka 52 yoba afitaniye imigenderanire y’urukundo n’umuririmvyikazi Beyonce Knowles w’imyaka 32.

Ivyo rero bivurwa kuri Obama, nta nsamirizi canke ikinyamakuru kirabitangaza ku mugararo, ariko hariho ibintu bimwe bimwe Pascal Rostaing afatirako kugira avuge uko.
Pascal Rostaing yishimikiza imigenderanire isigaye yibonekeza hagati ya Obama na Michelle. Mu kiganiro Obama yigeze gutanga mu kinyamakuru c’indirimbo «Colby», yavuze ko yemera cane urukundo no gufashanya kuri hagati ya Jay-Z na Beyonce, ariko abasezanguzi b’amajambo bumvise ko uko kubashima hanini yashatse kuvuga ko ashima Beyonce.

Ikindi gishimangira imigenderanire ya Obama na Beyonce, n’uko igihe Obama yagira arahire ahejeje gutorwa yatoye Beyonce kugira abe ariwe yikora mu gahogo mu kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika, ahejeje kuririmba yaciye agenda ahari Obama, aramusoma bihagije. Kuva ico gihe, Beyonce yaciye aba umugenzi wa Barack na Michelle n’abana biwe.

N’ikimenyamenya n’uko igihe Michelle yahimbaza imyaka 50 y’amavuka, Beyonce yaragiye kumukeza yambaye agakanzu kagera hejuru y’intege. Pete Souza n’uwufata amasanamu yose ya Obama «Photographe de tous ses rendez-vous», ivyo bihe vyose Beyonce yaza ku kirimba yaguma amufata amasanamu. Igitangaza Pascal Rostaing n’uko ayo masanamu ya Beyonce ata n’imwe irangwa mu kirimba, bisigura ko Obama yazibitse ahadata.

Pascal Rostaing atangaza ko uno munsi kuwa kabiri hahava hasohoka ivyemeza imigenderanire y’urukundo hagati ya Obama na Beyonce, biza gutangwa n’ikinyamakuru Washington Post.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.