Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
imigwi imwe imwe y’umipira w’amagaru isigaye yitsindisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > imigwi imwe imwe y’umipira w’amagaru isigaye yitsindisha

imigwi imwe imwe y’umipira w’amagaru isigaye yitsindisha

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Igiporisi co mu muryango w’ubumwe w’ibihugu vya Buraya-Europe cabonye ko habayeho ibikorwa vyinshi vyo kugura abakinyi canke abasifuzi kugira ngo umukino uhere nkuko bavyipfuza, vyabaye mu mupira w’amaguru mu bihugu vya Buraya n’ahandi kw’isi.

amatohoza ahurikiwemwo n’igiporisi co mu bihugu vya Buraya, ryasanze hari inkino zigera hafi kuma 400 zikekwa ko zoba zarabayemwo ivyo bikorwa kuruhande rwa Buraya, nayo iyindi amajana atatu iboneka muri Afrika, Aziya na Amerika y’amajepfo.

Muri iyo mikino harimwo iyizohiganirwa gukinira igikombe ca nyuma c’isi n’igikombe ca Buraya.

Imikino nyayo yabayemwo izo ngorane ntiyashizwe ahagaragara kubera amatohoza atabahaye agahengwe.

Igiporisi co mu bihugu vya buraya kivuga ko ivyo bikorwa vyakozwe n’ishirahamwe ry’abagizi b’inkozi z’ikibi bakorera muri Singapure.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.