Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigwi yo mu Rwanda ntiyorohewe mu mpera z’ino ndwi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imigwi yo mu Rwanda ntiyorohewe mu mpera z’ino ndwi

Imigwi yo mu Rwanda ntiyorohewe mu mpera z’ino ndwi

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’aho umugwi APR FC wo mu gihugu c’u Rwanda utsindiwe na Vital’o yo mu Burundi kuwa gatandatu,umugwi Lydia Ludic Burundi nawo waratsinze umugwi Police FC kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2013, igitsindo kimwe k’ubusa.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha icenda n’iminota cumi n’itanu z’umuhingamo ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Mu minota ya mbere umugwi Police FC warerekanye ko waje ushaka intsinzi kuko warashitse kw’igori ry’umugwi wa Lydia Ludic Burundi,ariko umunyezamu Athanase Nyabenda azwi kw’izina rya Cimba arashobora gukurayo imipira iteye ubwoba yaba itewe n’abasatirizi ba Police FC.

Imbere y’uko igice ca mbere kirangira ibintu vyarahindutse, kuko umukinyi Lucio wa LLB Academique yari ahejeje gusohoka kubera yari yababaye k’ukuguru aca asuburirwa na Ballack yari yambaye inimero 5. Ariko igice ca mbere caheze atawushoboye gutsinda uwundi.

Igice ca kabiri catanguye umugwi Lydia Ludic Burundi werekana ko wahinduye urukino,kuko k’umunota wa gatanu ico gice gitanguye, umukinyi wa Lydia Ludic Burundi yaraciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma ba Police FC yinjiza igitsindo ca mbere.

Naho imigwi yose yagumye irondera gutsinda, ntivyakunze kuko iminota 90 y’urukino yaheze kikiri igitsindo kimwe ca Lydia Ludic Burundi k’ubusa bwa Police FC yo mu Rwanda.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.