Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iminkanyanya y’umukecuru yarakijije umwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Iminkanyanya y’umukecuru yarakijije umwana

Iminkanyanya y’umukecuru yarakijije umwana

samedi 12 Nzero 2013

Ikintu cose gifise akamaro ukwaco nico gituma bavuga mukirundi ko wota agapfuye utota agashaje!

Umugabo yarafise abana bakama bamugora kuko gushika kumyaka itandatu nta n’umwe yashobara gufungura se na nyina batavuye kukazi kugira babatere igitsure. Wa mugabo atangura gushavura yidoga ati ‘’Je ndagowe kuko abo bana abantu bazokwibaza ko ntasuma kuko ntibavyibuha’’.

Vyaranse ko batora umuti wabo bana wa mugabo atora imitwe yindi. Aca agenda mu nzu y’abigeme badandaza umubiri(abamaraya) akotesha icumba. Aca agenda kumutamakazi azi ko yahora akora ako kazi ariko yapasuye. Aramusaba ati ‘’Urazi ko nakera nari umu client wawe kandi urazi ko amavuta akuze aryosha imboga none ndagusavye twibukirize akakera namaze no gufata icumba hamwe wahora ukorera’’. Umukecuru aremera baragenda.

Bashitseyo wa mugabo ati’’Kura impuzu zose hanyuma uje kugitanda ndaje’’ nawe abira uko. Aca yiruka gutora umwana umwe yari yaramunaniye gose yaranse gufungura ati ‘’Ingo mwana tuje gutembera aca amujana muri ca cumba basanga ka gakecuru karigaramiye kugitanda n’imipfunyunyu(iminkanyari) kubera ubusaza kiteze ibigira bibe. Kabonye azanye umwana karitangaza kibaza ico uyo mwana aje gukora.

Wa mugabo aca yerekesha urutoke wa mwana amwereka ka gakecuru kari gusa ati”Niwasubira kwanka gufungura uzocumera nk’uko”, wa mwana aca avuza induru asaba ikigongwe se wiwe ati “Ngirira ikigongwe ubu nzohora mfungura”.

Wa mugabo aca arariha ka gakecuru ati ‘’Urakoze cane nohanyuma nzogushorera’’, umwana akira gutyo.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.