Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiriyaridi 505,51 niyo yinjiye mu kigega OBR mu mezi 11 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Imiriyaridi 505,51 niyo yinjiye mu kigega OBR mu mezi 11

Imiriyaridi 505,51 niyo yinjiye mu kigega OBR mu mezi 11

jeudi 5 Kigarama 2013

Amafaranga angana n’imirayiridi 41,94 niyo yatojwe n’ikigo OBR (office burundais des recettes) mu kwezi kwa munyonyo.

Ikigo gitoza amatagisi OBR gihejeje gutangaza amafaranga catoje muri uku kwezi kwa munyonyo twaraye turangije. Muri Munyonyo ico kigo kikaba catoje amafranga agera ku miriayiridi 41,94 y’amafranga y’amarundi n’ukuvuga ko kuyo bari bategekanije ko bazoronka imiriyaridi 44,14 habuze ko ibice 4,99 kw ‘ijana.

Muri iryo tangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa kane, Holmes Kieran arongoye kigo OBR amenyesha ko ugereranije n’umwaka uheze mu kwezi kwa munyonyo, hiyongereyeko amafranga agera ku muriyaridi 1,99 y’amafranga y’amarundi ni kuvuga ibice 4,98 kw’ijana. Muri aya mezi 11 y’umwaka wa 2013 aheze ikigo OBR kikaba catoje amafaranga agera ku miriyaridi 505,51 y’amarundi. Ndetse nayo nyene akaba arenga kure n’ayatojwe mu mezi cumi na kumwe yo mu mwaka wa 2012, ni ukuvuga imiriyaridi 489,69 ni kuvuga ibice 3,78 kw’ijana vyiyongereyeko.

Ikigo OBR kikaba kimenyesha ko kigiye kubandanya akazi cishinze co gukingira amakori n’amatagisi kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure, kandi congere kworohereza abarwizatunga bo mu Burundi.
  


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.