Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi iri mw’ihiganwa rya Primus Ligue imwe iraduga ibibanza iyindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi iri mw’ihiganwa rya Primus Ligue imwe iraduga ibibanza iyindi (...)

Imirwi iri mw’ihiganwa rya Primus Ligue imwe iraduga ibibanza iyindi igakoroka

mercredi 8 Gitugutu 2014

Inkino zihuza imirwi wo mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue zigeze ku ndwi ya gatanu y’ihiganwa. Imwe mu mirwi iraduga ibibanza iyindi ikamanuka, eka n’abakinyi n’uko, bamwe baguma bagwiza ibitsindo.

Imirwi ya Lydia Ludic S4A na Muzinga yatanye mu mitwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 07 Nyakanga 2014. Urwo rukino Muzinga yatsinze 2-1,rwatumye umurwi wa Muzinga uva mu kibanza ca 5 ufata ikibanza ca gatatu inyuma ya Atletico. Muzinga yaciye kandi ironka ku bitsindo 5 n’amanota 10. Umurwi wa Lydia Ludic S4A waciye umanuka mu kibanza ca 4. Atletico yakinye na Rusizi FC inganya 0-0, yaciye igumana ikibanza ca kabiri Rusizi FC nayo yagumanye ikibanza c’umunani ariko ironka amanota indwi yahora kuri atandatu.

Inkino zo kuri iri genekerezo rya 08 Nyakanga zitunganijwe uku gukurikira :

1) i Muyinga, Olympic ikina na Academie Tchite

2) Mu Ruyigi, Flambeau de l’Est ikina na Nyanza United

3) Messager Ngozi ihura na Prince Louis ku kibuga Urukundo c’i Buye i Ngozi

4) Buja City ikina na Inter Star ku kibuga ca Prince Louis Rwagasore isaha umunani

5) Vital’o ikina na Messager Bujumbura ku kibuga ca Prince Louis Rwagasore isaha icumi

6) Volontaire ikina na Royal FC ku kibuga kiri muri Kaminuza y’i Kiriri.

Umukinyi wa mbere afise ibitsindo vyinshi ni Claude Ndarusanze akina muri Lydia Ludic Academic S4A, uwo afise ibitsindo 5, akurikirwa n’abandi 3 harimwo Laudit Mavugo wa Vital’o bafise ibitsindo 4.

Tubibutse ko umurwi wa Vital’o ukiri kw’isonga mu manota n’ibitsindo, ufise amanota 12 n’ibitsindo 9.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.