Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi y’Ubuganda na Burkina Faso yasezeye inkino za CHAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi y’Ubuganda na Burkina Faso yasezeye inkino za CHAN

Imirwi y’Ubuganda na Burkina Faso yasezeye inkino za CHAN

mardi 21 Nzero 2014

Imirwi yo mw’itsinda B yaraye ihejeje inkino hagati yayo kugira haboneke imirwi ibiri izobandanya mu gice ca 4 c’amahiganwa ya CHAN 2014. Inkino zabaye, zahuje umurwi wa Maroc na Uganda, urundi rwahuje umurwi wa Burkina Faso na Zimbabwe.

Mw’ijoro ry’igenekerezo rya 20 Nzero, igihugu ca Maroc giserukiwe n’umurwi w’Intambwe za Atlas wanyinyuranye n’umurwi w’Ubuganda. Iyo mirwi yasiganwa kwinjira mu gice ca 4 c’inkino. Urukino hagati yiyo mirwi ntirwari ryoroshe na gato. Intambwe za Atlas ziruka cane kurondera igitsindo, eka n’Abaganda ntibari bicaye. Ku munota wa 29, umukinyi Abdessamad Rafik w’Intambwe yinjije igitsindo ca mbere, ni naco carangije igice ca mbere c’urwo rukino. Mu gice ca kabiri abakinyi bose baje bazambariye ku mutwe. Yunus Sentamu w’Umuganda yaragomboye yinjiza igitsindo.
Yunus Sentamu yasa n’uwukoze mu jisho ry’Intambwe kuko Mouhssine yaciye yinjiza igitsindo ca kabiri, Abdelkabir El Ouadi, mu minota 4 bongeye ku mwanya wagenewe urukino, yinjije igitsindo co guhohosha abakinyi b’Ubuganda. Agafuko k’ibitsindo 3 kuri kimwe (3-1) gatekererwa Ubuganda.

Ku rundi ruhande, umurwi wa Burkina Fasso watanye mu mitwe n’umurwi wa Zimbambwe. Urukino rwatumye umurwi wa Burkina Faso usezera inkino kuko waruhejeje gutsindwa 1 ku busa.
Imirwi ya Burkina Faso na n’umurwi w’Ubuganda yaciye ikura meza, mu gihe Maroc na Zimbabwe zizobandanya mu gice ca 4 gishira ica nyuma. Iyo mirwi isanzeyo imirwi ya Nigeriya na Mali. Hasigaye inkino zo mw’itsinda D kugira imirwi izokina igice ca 4 imenyekane.

Mwokwibuka ko muri izo nkino zo mw’itsinda D zizoba ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 22 Nzero, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi "INTAMBA MU RUGAMBA" ariho uzotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC). Amasaha urwo rukino ruzoberako akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Urukino rwahuje Maroc na Uganda rwagenze ukugukwirikira :


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.