Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Academie Tchite waronse agahengwe mu rukino rwawuhuje na Atletico - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Academie Tchite waronse agahengwe mu rukino rwawuhuje na Atletico

Academie Tchite waronse agahengwe mu rukino rwawuhuje na Atletico

lundi 19 Nzero 2015

Imirwi y’umupira w’amaguru yo mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue yaratanguye, inkino zo mu gice ca kabiri c’ihiganwa. Umurwi wa Academie Tchite warahatoreye akoyokwe mu kunganya n’umurwi ufise ikibanza ca gatatu.

Inkino zagenze uku gukirikira :

Kw’igenekerezo rya 17 Nzero

- VOLONTAIRE 0 : 1 LL S4A

- ROYAL 0 : 3 OLYMPIC STAR

- PRINCE LOUIS 3 : 2 INTER

- FLAMBEAU 3 : 1 RUSIZI FC

- NYANZA UNITED 0 : 1 MESSAGER BJM

- MESSAGER NGOZI 1 : 0 MUZINGA

Kw’igenekerezo rya 18 Nzero

- TCHITE 1 : 1 ATHLETICO

- BUJUMBURA CITY 0 : 0 VITAL’O

Muri izo harabonetse umurwi wa Academie Tchite waronse inota rimwe mu rukino rwawuhuje na Atletico ifise ikibanza ca gatatu n’amanota 32, Vital’o ya mbere igeze ku manota 35. Ni intambwe kuri Academie Tchite kuko yari yahejeje igice ca mbere (Phase aller) utagira inota na rimwe hamwe n’ideni ry’ibitsindo 50 (-50).

Inkino zikurikira zizoba kw’igenekerezo rya 20 na 21 Nzero, imirwi izohura uku gukurukira :

Kw’igenekerezo rya 20 Nzero:

- LL S4A - MESSAGER NGOZI

- RUSIZI FC - ROYAL

- MUZINGA - PRINCE LOUIS

- MESSAGER BJM - VOLONTAIRE

- OLYMPIC STAR - BUJUMBURA CITY

- NYANZA UNITED - TCHITE

Kw’igenekerezo rya 21 Nzero

- FLAMBEAU - VITAL’O

- INTER - ATHLETICO


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.