Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi ya Libiya na Ghana izohura mu rukino rwa nyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi ya Libiya na Ghana izohura mu rukino rwa nyuma

Imirwi ya Libiya na Ghana izohura mu rukino rwa nyuma

jeudi 30 Nzero 2014

Imirwi yahuye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma yaraye ibiciye biracika, imirwi yashoboye kuzoshika mu gice ca nyuma c’inkino za CHAN 2014 iraca umugani.

Ku munsi w’agatatu, igenekerezo rya 29 Nzero, kuva isaha imwe y’ijoro «19h00»muri Afrika y’epfo hariko haba inkino za CHAN 2014 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Imirwi ya Libye na Zimbabwe niyo yatanguye gukina. Ibintu ntivyoroshe ku kibuga c’i Free State Stadium kiri i Mangaung. Ntawovuga ngo hari umwana yari mu kibuga kuko iminota yagenewe urukino yarangiye ata murwi n’umwe urabona igitsindo, Umuhagarikizi afata ingingo yokubongera iminota yo kubatatura. Iminota 30 yabongeye yaheze ata kivuyemwo, bahava baja muvyo gutera «tirs au but», ari naho urubanza rwahavura rugacika. Ku bitsindo 5 vya «penalty»kuri 4 za Zimbabwe «5-4». Iyo ya nyuma iba irasezeye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Ivyashikiye iyo Libye na Zimbabwe birashusha n’ivyabaye hagati ya Nigeriya na Ghana. Iminota bongewe nta cavuyemwo, muri bimwe bita «tirs au but», Nigeriya yaciye ihamvya umurwi wa Zimbabwe, kuri «Penalty» 4 za Ghana kuri 1 ya Nigeriya «4-1»

Imirwi ya Libiya na Ghana izohura mu gice ca nyuma c’inkino za CHAN 2014. Hazoba ari kw’igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2014 i Cap


Cherif nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.