Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa rya Primus Ligue riratangura igice ca mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ihiganwa rya Primus Ligue riratangura igice ca mbere

Ihiganwa rya Primus Ligue riratangura igice ca mbere

vendredi 16 Nzero 2015

Imirwi yo mu cicaro ca mbere iri mw’ihiganwa rya Primus Ligue igiye gusubira mu kibuga mu gice ca kabiri. Vital’o yarangije igice ca mbere ari iya mbere, nayo Academie Tchite yarangije ari iya nyuma.

JPEG - 94.9 ko
Umurwi wa Vital’o

Aho bukera kw’igenekerezo rya 17 Nzero, ihiganwa rya Primus Ligue riratangura igice kabiri c’inkino, imirwi 16 yakinye igice ca mbere izosubira guhura muri iki gice kigiye gutangura. Vital’o yarangije igice ca mbere ifise amanota 34 n’ibitsindo 26. Iya nyuma ni Academie Tchite ifise nta nota na rimwe ufise, uwo murwi nyene ibirarane vy’amanota 50(-50).

Inkino zo ku munsi w’ejo uzoba ari uwa 16 w’inkino zitegekanijwe uku:

JPEG - 56.3 ko
Umurwi wa Atletico Olympic ufise ikibanza ca kabir mu nkino za mbere

1) MESSAGER NGOZI - MUZINGA

2) VOLONTAIRE - LL S4A

3) ROYAL - OLYMPIC STAR

4) PRINCE LOUIS - INTER

5) FLAMBEAU - RUSIZI FC

6) NYANZA UNITED - MESSAGER BJM

- Kw’igenekerezo rya 18 Nzero

7) TCHITE - ATHLETICO

8) BUJUMBURA CITY - VITAL’O

Iyo mirwi n’iyo izogenda irahura mu ndwi zitanu igice ca kabiri kizomara. Tubibutse ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) riherutse kugirana amasezerano yo kwerekana inkino za Primus Ligue ikibiriraho na Azam Media yo muri Tanzaniya mu kiringo c’imyaka itatu n’inusu


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.