Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imisozi yose yaronkejwe imipira y’urukino rw’amaguru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imisozi yose yaronkejwe imipira y’urukino rw’amaguru

Imisozi yose yaronkejwe imipira y’urukino rw’amaguru

jeudi 27 Ruheshi 2013

Umushikiranganji w’inkino urwaruka n’imicokama, umushingantahe Adolphe Rukenkanya, yaratanze kuri uwu wa 3 igenekerezo rya 26 ruheshi 2013, imipira y’ urukino rw’amaguru kuri ba buramatari b’intara, ahoumusozi wose ukazoronka umupira umwe umwe.

Intumbero rero akaba ari ugufasha umwana wese, mu kugira ubuzima bwiza biciye mu kwinonora imitsi. Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya yatanze iyo mipira ari kumwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana. Mw’ijambo ryiwe, yamenyeshejeko gukina bituma umuntu agira amagara meza, kandi gukina biri mu burenganzira nkenerwa mu buzima bwa buri muntu wese.

Iyo mipira rero ikaba iri mu bwoko bw’imwe yipompa kandi idatoboka. Ba buramatari b’intara zose bakiriye iyo mipira bakaba barashimishijwe n’iyo ngabire izotuma abo barongoye bashobora kwinonora imitsi. Ivyo kandi ngo bishobora gufasha mu gutsimbataza amahoro n’urukundo mu banyagihugu na rirya umusozi wose ushobora kuzotegura urukino ruwuhuza n’uwundi.


Floxella Karire

Messages

  • Muri abagabo ndabemera ariko muje maraba neza ukuntu ama equipe yacu bayiba muri CECAFA mubavugire kuko aba arbitre bakunda kwiba ama équipe yo mu burundi. Nkubu Vital’o ibitsindo bibiri yatsinzwe muri iyi CECAFA iri kubera muri SOUDAN vyose ni penalties baha adversaires zidasobanutse ubona bashaka guca inguvu abakinyi ba Vital’o. Umunsi bakinye na Elman yo muri Somalie bakanganya 1-1 arbitre yatanze penalty iteye isoni no ku munsi wa APR penalty yatanzwe ku munota wa kabiri yari iteye isoni. Ubwo rero final ya APR na VITAL’O muzokwirikirane neza arbitrage.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.