Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imodoka irerura umukuru w’igihugu ca Kenya yari yibwe yafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imodoka irerura umukuru w’igihugu ca Kenya yari yibwe yafashwe

Imodoka irerura umukuru w’igihugu ca Kenya yari yibwe yafashwe

jeudi 4 Nyakanga 2014

Imodoka irerura umukuru w’igihugu ca Kenya yari imaze iminsi indwi yaburiwe irengero yafatiwe ahitwa Tororo mu gihugu c’Ubuganda, aho bari bahinduye inomero ndangamodoka wayiranga.

Nk’uko vyemezwa n’icegera c’uwujejwe umutekano mu gisagara ca Kampala, aho avuga ko abajejwe umutekano mu karere ka Tororo babimubwiye naho ataronka inkuru y’imvaho.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Kenya, Manoah Esipisu, yari yatangaje kuri uwu wa gatanu uheze, ko imodoka yo mu bwoko bwa BMW735 yaguzwe mu mwaka w’2000, ifise inomero ndangamodoka GK A374E, irerura umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yabuze irengero. Yafashwe yarahinduriwe inomero ziyiranga, ifise inomero KAW479Y.

Iyo modoka irerura umukuru w’igihugu yibwe bigenze gute?

Umudereva wayo CI Machui, yafashwe n’abagabo bane hafi y’akarere kitwa Ruai, i Nairobi. Baciye bamuyeyerereza mu gisagara gushika isaha munani n’igice z’ijoro ( 02h30), bamurekura bageze ahitwa Mihango. Bagiye banamwivye amashiringi akoreshwa muri Kenya ibihumbi 60 na ngendanwa yiwe.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta avuga ati :"Nk’uko Reta ihora ibivuga, umutekano ni umwitwarariko w’umuntu wese, umudereva wese akwiye kumenya ibimukikije ndetse akanirinda ko yohura n’abagizi ba nabi. Nk’uko ibiharuro bivyerekana, mu gihugu cacu haguma hiyongera ubusuma bukomeye, nitutaja hamwe ngo tuburwanye bugiye gufata umurindi ukomeye".


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Igihe.bi tohoza neza kuri uyo muduga; ntabwo ari uwurerura umukru w’igihugu ca Kenya; ahubwo ni mu miduga imugendanira ico bita Escorte presidentielle. Ahandi ho, ibara ryoba rayguye barinze biba umuduga prezida agiramwo!!

  • NZOYIHERA VIYATOR IBURUNDI NONEBARIBAMUHOYEKI NIBAMUREKEYIBEREHO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.