Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impamvu 10 zotuma umuntu akunda umubiri wiwe uko uri (Igice ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impamvu 10 zotuma umuntu akunda umubiri wiwe uko uri (Igice ca (...)

Impamvu 10 zotuma umuntu akunda umubiri wiwe uko uri (Igice ca kabiri)

mardi 24 Ruheshi 2014

Mu gice mbere c’ino nkuru, twarabonye ko ukudahagishwa (satisfaite) n’umubiri umuntu aba afise, biri mu bituma umuntu atigirira icizere (Confiance) mbere ntashobore no kugira ivyiyumviro vyiza kuri we (Positivisme).

Abashakashatsi mu bijanye n’amagara meza (Bien être) babicishije ku murongo ngurukanabumenyi Selection.ca bakaba baragerageje kwerakana bimwe mu vyokorwa kugira umuntu wese ashobore gukunda umubiri wiwe kugira ashobore no kugira ukwimeyera muriwe (Confiance).

6 Imfungura ziriho kugira zifungurwe

Kubanka gufungura ngo bohava bagira umubiri batari bipfuza, abashakashatsi bavuga ko bokwama bibuka ko indya zihari kugira zipfungurwe kandi kugira abantu bagire amagara meza.

7) Kudaha umwanya ivyo abandi bakwiyumvirako

Kubisanzwe ubwiza nyabwo ntiburi ku mubiri. Bivugwa y’uko umuntu yifitiye icizere (Confiance), yiyemera muriwe, ariwe akundwa gusumba uwoba afise umubiri mwiza.

8) Nta wundi muntu yaremwe nkawe canke asa nawe

Ni ngombwa kwikunda no kwiyemera uko nyene usa kuko atawundi muntu yaremwe ameze uko umeze canke asa nkuko usa. Naho bavuga ko amahasa avuka asa, mu vyukuri nta wusa n’uwundi kuko umwe wese aba yaremwe ukwiwe. Nimwikunda, mukiyemera uko nyene mumeze, bizotuma n’urukundo muri mwebwe ruduga.

9) Umubiri mufise, waremewe mwebwe gusa

Nimwafata umubiri wanyu neza, bizobatuma nivyo mukora mu buzima bwanyu bwa minsi yose, mubikorana inguvu n’ishaka kuko ubwanyu muzoba mwiyemera.

10) Kwibona ko muri beza

Iyo umuntu yibona ko afise ubwiza buhagije, akibona ko yaremwe uko abandi bataremwe, ko afise ivyo abandi badafise, biramutuma atipfuza kugira avyo abandi bafise, ukumva ahagijwe nuko asa.

Abagize ubushakashatsi, bavuga ko iyo umuntu yikunda (S’apprecie), amera nk’umuntu atekaniwe muri we (tranquille), ataco akenye canke abuze, mbere nivyo akora, akabikorana umunezero.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.