Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impamvu abakobwa basigaye babura abagabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impamvu abakobwa basigaye babura abagabo

Impamvu abakobwa basigaye babura abagabo

dimanche 9 Ruheshi 2013

Mu myaka iheze mu mico y’abarundi, hariho imvugo yaranga umukobwa w’aho ha mbere, hakaba n’inyifata yita « kirazira », akagira ico yubahiriza. Muri ino misi aho abantu benshi banyuzwe n’ivyo bita iterambere rya none, biragora gutandukanya umwe n’uwundi kuko usanga ata budasa mu nyifato hagati y’umuhungu, umukobwa, umugabo, umugore.

Abakobwa benshi bivugira ko iryo hinduka rikurikira iterambere isi irimwo ubu, ugasanga bataye akaranga katera iteka umurundikazi mu myaka iheze.
Naho bimeze gutyo, abahungu bo mu bwenge n’ivyiyumviro vyabo baracakeneye wa mukobwa w’umuco, umutegarugori w’ishusho y’umurundikazi yiyubaha kandi akwiriye kwitwa umuvyeyi w’abana. Kuba rero hatakiriho ukwumvikana hagati y’abasore n’abakobwa, ni kimwe mu bituma usanga abakobwa bo muri iki gihe basigaye bavuga ko abagabo babushitse babuze, ivyo bigatuma bigumira iwabo.
Ngizi zimwe mu mpamvu zishobora gutuma umukobwa asazira iwabo :

Kugumirwa: Muri iki gihe hari imvugo yadutse ivuga ngo “abasore barabuze”; aha niho usanga umukobwa yaraheze iwabo, akagera n’igihe co gushinga urugo, akabura umusore yoza bafashanye kwubaka urwabo.

Aha tukibaza namba abasore aribo batagishaka kurongora, canke namba ari abakobwa ubwabo babigiramwo uruhara.
Mu bantu benshi twagiye tuganira, ari abakobwa, ari abasore canke abakuze, hari impamvu zitandukanye bagiye barahurizako, zishobora gutuma umukobwa agumirwa:
Iyo abakobwa bamaze kubona bageze mu myaka yegera ubusaze batarabona umusore abaturukiriye, batangura kwihebura.

1. kubenga cane:

Hari abakobwa benshi babura abagabo bidatewe n’uko ari babi, ahubwo bitewe n’uko bagiye biyumva ko bari mu rwego rwo hejuru, ugasanga bamaze kubenga abasore batagira uko bangana.
Aha ngo iyo amaze kubenga umusore umwe, babiri canke batatu, abandi basore nabo bagira ubwoba bwo kuja kumusaba urukundo. Akenshi kuri abo bakobwa iyo batanguye gusaza, bipfuza abagabo mu buryo bwose, bakaba bokwemera no gutanga n’amafaranga, mbere bakiyumvira n’aho bokura umwe muri ba basore basuzuguritse bigera kubenga.

2. Kudashwabadukira abasore:

Abantu batari bake bemeza ko umukobwa utazi kwakira neza abasore biba bigoye kuronka umugabo, kuko abasore baba bamutinya, ndetse bakiyumvira ko yoba afise n’agasuzuguro.

3. Kwiyandarika:

Burya abasore n’ubwo baba ari abasambanyi, indaya, ntibigera bipfuza gushira mu rugo umukobwa yananiranye, adashobotse.
Hari abakobwa bibesha ko umusore baryamana kenshi aba amukunda kandi amwitayeho, yamara ku basore ivyo biherera mu bwana kuko iyo ageze igihe co gushinga urugo, ntiyokwihenda ngo azane wa mukobwa bakorana amabi kuko aba akeka ko ageze mu rugo yokomeza za ngeso ziwe mbi. Umuhungu rero aca arondera umwe yamwankira ko basambana, umwe atamwemerera ko bajana mu kaborerwe kuko ariwe abona ko akwije indero y’umukobwa abereye urugo.

4. Inyifato y’abavyeyi b’umukobwa mu kibano:

Burya rimwe na rimwe ingeso z’abavyeyi b’umukobwa zishobora kugira ingaruka ku buzima bw’abana babo.

Nk’iyo umukobwa afise abavyeyi b’imborerwa, abarozi, canke bafite izindi ngeso mbi, biba bigoye kugira ngo azoronke umugabo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.