Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impanuro 5 zituma umuntu agira imishatsi myiza kandi ikura ningoga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro 5 zituma umuntu agira imishatsi myiza kandi ikura ningoga

Impanuro 5 zituma umuntu agira imishatsi myiza kandi ikura ningoga

mardi 15 Gitugutu 2013

Umushatsi ni kimwe mu bikingira umutwe n’ubwonko mu kuwurinda izuba canke udukoko dutoduto twotera uduhere. Mu bushakadjatsi bwakozwe, iyo umutwe utagira umushatsi wakiwe n’izuba, ugira intuguta nyinshi kurusha uwufise imushatsi kuko ku wufise umushatsi, intuguta ntishikira umutwe, ica iherera muri uwo mushatsi.
Umuntu afise imishatsi iri hagati y’i 100 000 n’i 150 000, ariko bikavana n’ubwoko bw’imishatsi aba afise kuko abantu bose badafise ubwoko bw’imishatsi bumwe,n’ubwo urukoba rwoba ari rumwe.

Uko imishatsi bayisokoza, niko iza iracika. N’ibisanzwe ko iza iracika, ariko iyo birenze urugero, biba biteye amakenga. Mu vyigwa vyakozwe, ku munsi ku munsi hakoroka imishatsi iri hagati ya 50 ni 100. Ukwo gukoroka bikavana n’imyaka umuntu aba afise, ubwoko bw’imishatsi, canke bikava ku bindi bintu, nk’akarorero, ku bakenyezi igihe bageze ku myaka yo guca imvyraro (menopause), mu minsi ya nyuma yo kwibaruka igihe yibungeze, niyo hakanye, ariho imishatsi icika cane.

Bimwe mu bituma imishatsi y’umuntu icikagurika, hari igabanuka ry’ivyinyunyu bita fer n’ingaburo mu mubiri, kugira imyitwarariko y’ubuzima irengeye (stress), be no kunywa imiti myinshi. Ugukura kw’imishatsi kuvana n’amagara umuntu aba afise canke n’ibifungurwa afungura. ku bipfuza kugira imishatsi myiza kandi ikura, hari impanuro bashobora gukurikiza nazo ni nkizi:

1) Gufungura ibifungurwa ndemamubiri

Imfungurwa ndemamubiri zigaburira uduce two mu mutwe dutuma imishatsi ikura. Mu mfungurwa ndemamuburi zotuma umushatsi ugira amagara meza, harimwo amagi, afise ingaburo za Vitamine B ituma mbere imishatsi ikomera.

2) Kwirinda gupfa gukoresha ivyuma bisokoza umushatsi ivyarivyo vyose

Kubakunda gukoresha icuma cumisha umushatsi ningoga n’ikiwugorora (seche cheveux na fer à lisser), bokwirinda kubikoresha bataravye urugezo rw’umucanwa wavyo kugira ntibihave vyonona umushatsi. Ikindi naco, nukwirinda kuyoza n’amazi ashushe.

3) Gutsibisha imishatsi amavuta yokwizerwa ( bons produits)

Akenshi, abatari bake, bagura amavuta atsiba imishatsi bivanye n’ukungene bayakunze, ariko vyari bikwiye ko umuntu agura amavuta atsibisha imishatsi bivanye n’ubwoko bw’imushatsi aba afise kugira ayirinde kwononekara no gucikagurika. Vyari bikwiye kwiha akaruhuko, mu gutsiba imishatsi kugira imare igihe na gito ihema. Nk’akarorero, iyo umuntu yateguye kwirirwa muhira, yoreka kugira n’ikintu na kimwe mu mishatsi, haba kuyisokoza canke kuyishiramwo amavuta kugira nayo iruhuke.

4) Guhagarika kugira imyitwarariko irengeye y’ubuzima

Hoba hariho isano ishika iri hagati yo kugira umushatsi canke kugira imishatsi yama icika hamwe n’ibihe vy’imyitwarariko umuntu ahura navyo mu mibereho yiwe? Mu bushakashatsi bwama bukorwa, vyagaragaye ko iyo abantu batwawe n’imyitwarariko myinshi, ubwonko buca butwara ubutumwa butuma haba ihindaguruka ry’ukungene umubiri wahora ukora. Ingaruka nayo yama iciba iyo hagize igihinduka mu mubiri, ni ugucikagurika kw’imishatsi. Kubw’ivyo, bihanuwe ko umuntu wese yokwiha amahoro n’akaruhuko, akareka gutwarwa n’imimyitwarariko y’ubuzima irengeye.

5) Kwitwararika gufata neza aho umushatsi uherera (cuir chevelu)

Amagara y’agace gahereza k’imishatsi (cuir chevelu) kavana n’ingene intango y’imishatsi iba imeze (racine). Rimwe canke kabiri mu ndwi birakwiye ko umuntu yitwararika kuraba ingene umushatsi wiwe umeze na cane cane ku mpera y’umushatsi wiwe. Ku bijanye n’ivyo yokora kuri ako gace, yoraba ko hageze ko akata udushatsi tw’impera canke akaza arahasiga amavuta kugira ntisaze kare.

Gusiga amavuta atuma imishatsi idacika, gufungura ingaburo ziri mu bwoko bwa "BION" zigaburira isoko y’imishatsi ""keratine", kwirinda kwogesha isabuni zitagenewe imishatsi, kwigerera mu gufungura, gukora imyimenyerezo iminsi yose, no kwiha amahoro mu buzima, biri mu vyotuma navyo imishatsi ikurana amagara meza.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.