Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impanuro zotuma umuntu aticuza igihe ari ku mpfiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro zotuma umuntu aticuza igihe ari ku mpfiro

Impanuro zotuma umuntu aticuza igihe ari ku mpfiro

lundi 15 Mukakaro 2013

Igikuru ni amagara. Iryo niryo jambo ryama rivugwa kenshi n’abantu baba bari ku mpfiro bivugwa n’umukenyezi w’umunya australia Bronnie Ware asanzwe ari umuvuzi yaronse akaryo ko kuza aravugana n’abantu, baba bari mu gihe ca nyuma c’ubuzima bwabo. Birakomeye cane aho ubona umuntu ashimikira ku bintu asanzwe akunda mu buzima bwiwe. Igihe rero amagara agukitse, usanga bitagishoboka ko ukora ivyo wari waripfujije gukora vyose. Burya amagara aratanga umwidegemvyo abantu benshi batazi, babimenya iyo bakitswe nayo magara.

Kenshi bakunda kuvuga ngo umuntu yarakwiye kubaho nk’uwuzopfa ejo. biragoye cane ko umntu yoshobora kubaho nk’uwuzopfa ejo. Iyo umntu afashwe n’ukuntu umuntu abaho buri munsi, kenshi usanga twibagira bikuru bikuru twategerezwa gukora mu buzima bwacu mugabo iyo ugize Imana mukaganira n’abo bantu baba bageze ku mpfiro iminsi yabo yo kubaho kw’isi iriko irarangira, Bronnie Ware avuga ko abenshi mubo baganiriye bafise ibintu bimwe bicuza. Kuba batabayeho ubuzima bwabo nk’uko babishaka.

Ikibabaje ni uko, iyo ubayeho ushaka kunezereza abandi canke ubayeho kubwoba ,usanga wariyibagiye ugashira indoto zawe iruhande. Ni ico kintu abantu benshi bapfa bicuza. Ngo iyo abantu babonye ko ubuzima bwabo bugomba burangirire aho basubije amaso inyuma kukubaho kwabo, ngo biroroshe kubona ko indoto zabo zitigeze zishikwako. Barakunda kuvuga ivyerekeye ukutangana kw’ibitsina mu vyerekeye akazi. Nivyo atagukekeranya abagabo nibo basanzwe bita akazi kabo cane ku buryo basanga umwanya wabo wose wo kubaho bawuhebeye ako kazi kabo ni ukwicuza gukunda kugira abarwayi bageze ku mpfiro benshi b’abagabo uwo mukenyezi w’umuganga.

Ngo benshi ntibabonye ukungene abana babo bakura, ntibabaye hafi abakenyezi babo kubera akanya gato birirwa umwanya wose ku kazi. Ni nayo mpamvu nk’impanuro n’abagabo bari bakwiye gufata akanya ko kwiherera n’umuryango wabo bakareka kuguma bihambiriye ku kazi gusa kandi bagaba abafasha babo akanya gakwiye. Benshi baricuza ko baterekanye ibigumbagumba vyabo uko bikwiye kubo bakunda. Haba kubwira abantu ko ubakunda canke kubabwiza ukuri kwose, usanga kenshi dutinya kwerekana ibigumbagumba vyacu neza. Kenshi tureka kuvuga ivyo twiyumvira kuko dutinya ko hovuka amatati, abantu benshi baranyegeza ibigumbagumba vyabo kugira bagume mu mahoro n’abandi bantu haba mu kibano canke mu nzu aho umuntu asanzwe aba.

Ugaca usanga rero umuntu abayeho nabi, ugasanga wabayeho mugabo utigeze ushika ku vyo wari wipfuje kugerako. Kenshi usanga be nabo bantu baratewe n’ingwara zivuye ku nzigo canke ku mutima mubi utumwe n’uko umuntu atigeze aserura ivyiyumviro vyiwe vy’ukungene yiyumva. Mugabo rero n’aho abantu bashobora ku vyifatamwo nabi mu gihe muhinduye mu kababwiza ukuri kwose, kenshi ngo bihera ubucuti bwanyu bwiyongera. Kuko ivyo bibatuma mwibohora ubucuti bubi bwahora bwica ukubaho neza kwanyu. Mu vyukuri iyo mushoboye kuvuga ivyababaje,
ibigumbagumba vyanyu mu kabisohora muba mutsinze. Kutaba wagumye hafi y’abagenzi bawe ubucuti buravomererwa mugabo ikibabaje ngo ni uko mu bihe ducamwo usanga umwe wese ariko yiruka n’ubuzima bwiwe usanga rimwe rimwe twibagiye guhamagara abagenzi bacu, tutagitembera kenshi rero usanga abarwayi badaha agaciro gakwiye abagenzi igihe bari bagifise amagara akwiye.

Mu gihe rero bari ku mpfiro, ugaca usanga batagishobora kubatora. Benshi bari baricuza ko batigeze baha umwanya wabo abagenzi hamwe n’utwigoro dukwiye kugira bagumane ubwo bugenzi. Abarwayi benshi baricuza umwanya batabanye n’abagenzi babo imbere y’uko bakikwa n’amagara. Kuba umuntu atiyemereye kuryoherwa ku rugero rukwiye. Umunezero ni ikintu umuntu ahitamwo, ese yaba umuntu aha akanya ko kwiyumvira ico ryohera ubuzima bwiwe akifata neza ukiyumvira ibsanzwe bikuryohera aho ko wibaza imyaka yose ko umunsi umwe umunezero uzoza ukadodora ku muryango wawe, oya namba.

N’uko kwicuza kurasangiwe n’abantu benshi baba bari ku mpfiro. Abantu benshi ntibibaza ko umunezero ni ikintu umuntu ahitamwo. « Benshi usanga bari mu kamenyero ka minsi yose. Mu gutinya ihinduka mu buzima bwabo, abantu benshi bariyemeje bonyene bongera baremeza ikibano ko baryohewe. Kandi indani muri bo bari bashaka gutwenga bikwiye canke kugira ibisazi mu buzima bwabo. None namwe, ni ibihe bintu mubona ko mwokwicuza ? mbega muramaze gushika ku ndoto zanyu?


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.