IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Impinduka mu nzego z’ubutungane bw’Uburundi

Impinduka mu nzego z’ubutungane bw’Uburundi

jeudi 11 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje ijana kw’ijana amazina cumi n’atanu y’abagiye kurongora inzego zitandukanye z’ubutungane bw’Uburundi. Aimé-Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane niwe yari yagiye gusigura mu nama nkenguzamateka imyidondoro y’abo bantu cumi na batanu bagizwe n’abahutu umunani hamwe n’abatutsi indwi.

Muri ayo mazina yemejwe, harimwo irya Sylvestre NYANDWI avuka muri Bujumbura rural, akaba ariwe yagizwe umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, agiye mu kibanza cahoramwo Valentin BAGORIKUNDA yahawe kuba umuyobozi mukuru w’ikigo ONPR (Office National des Pensions et des Risques Professionnels des Fonctionnaires, des Magistrats et des Agents de l’Ordre Judiciaire).

PNG - 467.6 ko
Aimé-Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane niwe yari yagiye gusigura mu nama nkenguzamateka imyidondoro y’abo bantu cumi na batanu

François NKEZABAHIZI avuka i Muyinga niwe agiye kurongora sentare ntahinyuzwa y’igihugu.

Oscar BARANKARIZA avuka mu Kayanza, hamwe na Leonard MANIRAKIZA avuka i Muramvya nabo bagiye kuba abanyamabanga muri sentare ntahinyuzwa.

Igisagara ca Bujumbura kirigenga muvy’ubutungane

Mu ndinganizo nshasha y’inzego z’ubutungane bw’Uburundi, Komine imwe yose muri zitatu zigize igisagara ca Bujumbura, igiye kwigenga mu bijanye n’ubutungane.

Sentare nkuru ya Mukaza agiye kurongorwa na Nadine NSABIMANA avuka mu gisagara ca Bujumbura. Parake nkuru y’iyo komine nayo igiye kurongorwa na Cyrille MPANUYE avuka mu Kirundo.

Sentare nkuru ya komine Muha izorongorwa na Nelly NTAHOBATASHITSE avuka mu gisagara ca Bujumbura, nayo parake y’iyo komine irongorwe na Athanase NIYOMBARIYE avuka mu Rumonge.

Sentare nkuru ya komine Ntahangwa izorongorwa Pélagie NDAGIJIMANA, nayo parake y’iyo komine ikaba irongowe na Felicien MBONIHANKUYE avuga i Mwaro.

Impinduka zabaye mu bategetsi b’inzego z’ubutungane mu ntara zitandukanye

Thomas NTIMPIRANGEZA avuka mu Rutana agiye kurongora sentare isubiramwo imanza ya Gitega.

Dieudonné NIYUNGEKO avuka i Bururi agiye kuba umukuru wa sentare isubiramwo imanza ya Bururi.

Fulgence RUBERINTWARI avuka mu Rutana agiye kurongora sentare y’i Gitega ica imanza za Reta.

Sentare nkuru ya Makamba igiye kurongorwa na Melchior NKURUNZIZA avuka mu ntara ya Makamba nyene.

Umushikirizamanza mukuru akukira intara ya Muramvya yabaye Oswald NSHIMIRIMANA avuka i Muramvya nyene.


IGIHE

Messages

  • AHO NUMVA ARI SAWA BIRATOMOYE

  • Ni Vyiza Nimba Bigiye Gutuma Igiturire Nakamwana Wa Mama Bitakibaho.Biraruhije Abarundi Batobato

  • ni saw kubahindura ariko i bururi babe bahashize uwubimenyeye kuko abantu baho bakunda imanza Kandi hariho abacamanza bakunda guhengama birazwi nibikebuke cane cane uwuvuka i mwaro ariyizi yarakoze no mu rutana

  • nivyiza urya wa bururi azokurikirane cane abacamanza hariho abakunda guhengama nkuwitwa Nikeze avuka i mwaro

  • nbebubanza nayokomwayihevye arabacamanza barenganya, kumugaragaro izubaryaka ;bakanyag,abantubatobato .bakayegurira abatunzi umuryangonawe,ugacugira uruhagarara;ah,abamanza bomumazone yabubanza nasentarenkuru irimwo,ntiyigera ihana numuntununwe yanditse impapuro zamanyanga ,zitagirakwimikono ngonamasezerano ,birateye isoni nkumucamanza yarahiy,imbere yanyen, icubahiro umukuruwigihugu,amabanga ajejwe, ntibac, imanzazukuri bakishing,amaronko,bakemeza ikintunkicemezo nanyene kukigurishantaterek,umukono mwarimukwiyeguhanamwenabo bacamanza baryanish,imiryango; turasavye mwebwe mwaduhaye ivyiyunviro ;mugende murigasamburamanz, ibujumbura mwirabir,imanzazose zivamuntara;yabubanza ,zamatatiyamatongo murabezimwezimwe ,akamaramazakarimwo; nkakaroreronkumutama twunvise yanyazw, itongo; muntambara abagirebamwic,aribobagarutse kumwagiriza ngoyararigurishije bagafuruguta urupapuro rutagirako umukona ngonamasezerano nonubu ngumuryangonuve mwiryotongo, nbe wocuzahe kutabizi vyubuguzi, muragendamwirabire,CRA 0451

  • Aha nzoba mbona, ntamanza zizocibwa neza nkurunziza akiriho habanintete.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.