IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Impunzi zihungira mu Rwanda zibandanya kwiyongera

Impunzi zihungira mu Rwanda zibandanya kwiyongera

lundi 27 Ndamukiza 2015

Kuva Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yemejwe ko ariwe azoserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu ateganijwe mu kwezi kwa Ruheshi uno mwaka,igitigiri c’impunzi zihungira mu gihugu c’Urwanda zibandanya kwiyongera.

Nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji afise ibibazo vy’impunzi mu minwe mu Rwanda Seraphine Mukantabana, imbere y’itariki 25 ndamukiza impunzi zinjira mu Rwanda ku munsi zangana 800,ariko kuva aho bimenyekaniye ko Nkurunziza ariwe azoserukira umugambwe CNDD-FDD,impunzi zihungira mu Rwanda zababa 4000.
Uwo mushikiranganji avuga ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 26 ndamukiza,vyari vyitezwe ko impunzi z’abarundi 4000 aribo bakirwa,bigaca bituma impunzi 20408 aribo bamaze gushika mu Rwanda kuva mu ntango z’ukwezi kwa ndamukiza.

Bamwe mu Barundi bajabuka urubibe bahungira mu Rwanda bavuga ko impunzi zababa 30000 arizo zoba zimaze gushika mu Rwanda,kuko bamwe bashikira mu mihana y’imiryango yabo isanzwe iba aho mu Rwanda.
Impunzi zibandanya kujabuka imbibe ziciye mu turere twa Bugesera, Nyanza, Kirehe, Ngoma, Gisagara, Nyaruguru, Rusizi,benshi muribo bajabuka n’amaguru kandi bakaba baba mu bice vy’Uburundi bihana urubibe n’Urwanda.

Bamwe muri izo mpunzi bavuga ko bahunga kubera ibibazo vya politike,hamwe no gutinya umutekano muke ushobora kwaduka mu matora yimirije ,na cane cane mu matora y’umukuru w’igihugu bitegekanijwe ko azoba kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.