Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imvo izotuma Barack Obama agendera igihugu ca Kenya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imvo izotuma Barack Obama agendera igihugu ca Kenya

Imvo izotuma Barack Obama agendera igihugu ca Kenya

mardi 2 Ruheshi 2015

Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’ Amerika Barack Obama azogira urugendo mu gihugu ca Kenya, akaba ari narwo rugendo rwanyuma azogira muri Africa, imbere y’uko ikiringo co kurongora igihugu ca Amerika kirangira.

Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amarika Barack Obama avuga ko ikizoba kimutwaye mu gihugu ca Kenya azoba yitavye inama mpunzamakungu yerekeye ubutunzi, izobera murI ico gihugu mu gisagara ca Nairobi. Obama avuga ko icipfuzo ciwe ari uko hokwongerezwa ku mafaranga angana n’imiliyaridi 96.5 zama shilingi yahora atangwa kugira bafate mu mugongo abarwizatunga bakiri batobo mu bihugu vy’Africa, kandi akaba yipfuza kuzohura n’abarwizatunga bakiri bato, bahurikiye mu mashiramwe y’urwaruka n’abakenyezi benshi bo muri Africa.

Obama avuga ko muri iyo nama izobera mu gihugu ca Kenya hazokwigwa ,n’ingingo zishasha zigafatwa kukungene boteza ubutunzi imbere muri Africa, muri kazoza. Barack Obama aheraheza avuga ko Reta arongoye yongereje umuriyaridi w’amafaranga y’abanyamerika, imbere y’uko umwaka wa 2017 ushika.

Tubibutse ko Obama urwo rugendo azogira mu gihu ca Kenya itarike 25 na 26 Mukakaro azoba arirwo rugendo rwambere azoba agize murI ico gihugu kuva ashikiriye ubutegetsi, nacanecane ko amamuko ya se w’uyo mukuru w’igihugu ari muri Kenya.

Bill Nkurunziza

Messages

  • Nagende nubundi ntaco yamariye afrika bibere isomo k,umunyafrika wese ko ntawundi azaza kwubaka afrika no kuyikura mubujiji,ngiy,inzara ,ngiz, intambara,ngiz,indwara....nitwe rero bogutora igisubizo nah,abandi nukudushinyagura bishakira inyungu zabo akaba ari twe ahubwo tubatez imbere AFRIKA ntacyo tubuze ahubwo duhaguruke twivane mubujiji.

  • Kugendera,abanyakenya,nivyiza.Ariko,twagiradusabe,ko atokwibagira,abarundi,kugiragondoze,intumvaz’uburundi,zitumvimpanuro.

  • Abarundi turashe!turizeye ko OBAMA arinze ahaguruka akagera muri AFRIKA ko azosubira inyuma adukemuriye ikibazo kiduhanze

  • Ababona kure mwiyegereze obama, ubw’arinze yibuka gutez’imbere Afrika, kandi nkumva ko ar’ubwanyuma azoba ahaje, kandi manda yiwe ikaba ari iyanyuma. Mukanure kuko agiye gutezimbere aho akomoka, natwe ababanyi twopfuma tukumva akamoto k’imibabwe.

  • Abanyafrica dufis ingwara yo kwama turindira ko amakungu ariy aza kudukemurir ikibazo cacu. Tuzorindir amaso ahere munzira kuko nta petrol dufise. So duhaguruke tuvyikorere twebwe nyene...

  • UWO MUSHINGANTAHE YAGIYE AHATARIHO.NAZE MU BURUNDI

  • turashima kwumva ko OBAMA azogendera afrika tukabadusaba ko yoshika mu BURUNDI.

  • abo bankuru bibihugu batibuka aho bava ntaterabere ryabo riranga ragara nihatari

  • VYOBA VYIZA IVYOBIHUGU BIMAZE GUTERA IMBERE BAFASHIJE IVYO MURI AFRIKA MUGUFATA MUMUGONGE ABARI MUMA COOPERATIVE ATARIMWO RETA

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.