Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 12 iraheze abantu isinzi baguye mu bitero muri Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imyaka 12 iraheze abantu isinzi baguye mu bitero muri Amerika

Imyaka 12 iraheze abantu isinzi baguye mu bitero muri Amerika

mercredi 11 Nyakanga 2013

Imyaka 12 iraheze habaye ibitero vyitiriwe uwa 11 Nyakanga muri Leta Zunzubumwe z’Amerika. Ibitero 4 vyabereye umunsi umwe ahantu hatandukanye. Umurwi witerabwoba Al-Qaïda akaba ariwo wateye Leta Zunzubumwe z’Amerika hakoreshejwe indege zitwara abantu.

Hari mu gatondo kuwa 11 Nyakanga mu mwaka w’2001 aho inkozi z’ikibi zigira iterabwoba zatesha inzira indege 3 zunguruza abantu. Zibiri muri izo ndege zaciye ziseka amagorofa abiri maremare bita “World Trade Center” mu gisagara ca New York, kw’izinga rya Manhattan. Indege ya gatatu nayo ica iseka inyubakwa yitwa “Pentagone” iri i Washington DC. Iyo nyubakwa nayo akaba ariyo yari isanzwe ikoreramwo igisata co kwivuna abansi. Iyo ndege yaciye yica abari muriyo bose hamwe n’abantu benshi bari muri izo nyubakwa. Izo gorofa zibiri zari zifise uburebure bw’imetero 415 uva hasi uja mu kirere.

Indege igira kane yari yafashwe n’abo biihevyi yaguye ahitwa Shanksville muri Leta ya Pennsylvanie. Ico gitero cahitanye abantu 2 973, gikomeretsa abandi ibihumbi n’ibihumbi. Abo bantu bakaba baturuka mu bihugu 93 vyo kw’isi. Muri abo bahitanywe n’ivyo bitero, abantu 343 bari bamwe bazimya umuririro b’i New York.

Mu cegeranyo catanzwe n’umurwi w’amatohoza kuri ivyo bitero kuwa 22 Mukakaro 2004, baremeje ko abo bihevyi ari abo muri Al-Qaïda. Miri ico cegeranyo kandi bamenyesha ko ivyo bitero vyari vyategetswe na Ousama Ben Laden, biraheza bitunganwa n’uwitwa Khalid Cheikh Mohammed.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.