Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 2 irarumanye Steve Jobs ashengeye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imyaka 2 irarumanye Steve Jobs ashengeye

Imyaka 2 irarumanye Steve Jobs ashengeye

samedi 5 Gitugutu 2013

Imyaka ibiri irarangiye ,Steve Jobs, uwatanguje ivyuma vy’ubuhinga bwa none vyo mu bwoko bwa Apple asezeye isi. Uwa musubiriye mu kurongora ishirahamwe Apple, Tim Cook, akaba yandikiye ibaruwa abakozi bose b’iryo shirahamwe abatumirira gushikana imigambi Steve Jobs yarafise.

Inyuma y’imyaka 2, Steve Jobs yatanguje ishirahamwe Apple yitavyimana, uwamusubiriye mu kurongora iryo shirahamwe, Tim Cook, aributsa abakozi b’iryo shirahamwe ubutwari bwa Steve Jobs. Yabatumiriye no gukorana ishaka ngo barangure imigambi ikomeye Jobs yarafise.

Steve Jobs ni nde muri make ?

JPEG - 5.4 ko
Steve Jobs

Izina ryiwe ryose yitwa Steve Paul Jobs. Yavutse kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 1955 mu gisagara ca San Francisco muri Leta Zunzubumwe z’Amerika. Se yari yamuka muri Siriya, nyina nawe akaba yaturuka mu gihugu ca Suisse. Akiri akayoya yaciye ahabwa umuryango umutunga, akuriraho. Paul Reinhold Jobs na Clara Jobs nibo bamureze ariko nti bari abavyeyi biwe b’amaraso. Steve Jobs bamubajije akuze yishura ko ari abavyeyi biwe bwite.

Paul Jobs yari umufundi akora amamashini akoresha « lasers », nyina Clara akaba umuhinga muvyo guharura amafaranga(comptable). Jobs afise imyaka 2, umuryango wiwe wimukiye ahitwa i Palo Alto, aho se yatangura kumwigisha ubuhinga buciye bugufi bwo gukora utumashini akoresheje amaboko. Jobs akiri mu mashuri matomato ntiyasiba mu kiganiro c’umurwi witwa Hewltt-Packard wakoranira mu bunywero aho bama bahamagara umuhinga muri informatique akavuga ivyo arangura.

Afise imyaka 13 yahamagaye kw’iterefone uwutwara ishirahamwe rikora imashini z’ inyabwonki zo mubwoko bwa HP , amusaba utwuma tumwe tumwe yarabuze ku kamashini yariko arakora. William Hewltt yaratwara HP yaciye amurungikira utwo twuma amuha n’akazi ko mu buruhuko. Niho yaciye akomeza ivyo gukora ubuhiga bwa informatique.

Steve Jobs afadikanije na Steve Wozniak hamwe na Ronald Wayne baciye batanguza ishirahamwe Apple kuwa 1 Ndamukiza 1979 . Ishirahamwe ryazanye ubwoko bushasha b’amamashini z’inyabwonko, amaterefone mashasha yisangije ubuhinga hamwe nizindi mashini bita IPod, IPad . Steve Jobs akaba yitavyimana kuwa 5 Gitugutu 2011, ahitanywe n’indwara ya kansere y’urwagasha.

Uyu munsi haheze imyaka 2, uwo murwizatunga Steve Jobs ashengeye. Ishirahamwe yatanguje rikaba ari irya mbere ryinjiza amahera menshi kw’isi mu mwaka 2013.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.