Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka itatu iraheze Floribert Chebeya agandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imyaka itatu iraheze Floribert Chebeya agandaguwe

Imyaka itatu iraheze Floribert Chebeya agandaguwe

dimanche 2 Ruheshi 2013

Haraheze imyaka itatu kuko hari ku genekerezo rya 2 Ruheshi 2010, Floribert Chebeya agandaguwe, ikiziga ciwe kigatorwa i Kinshassa.

Uwo yari mu baharanira agateka ka zina muntu muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akaba n’umukuru w’ishirahamwe Voix des sans voix yabanje kunyuruzwa hama ikiziga ciwe bagitora inyuma y’umusi umwe.

JPEG - 14.2 ko
Isandugu yarimwo ikiziga ca Floribert Chebeya ku musi w’amaziko

Abapolisi bagirizwa urwo rupfu bari baciriwe urubanza, bakaba bagarukanwe muri sentare nkuru ya gisirikare mu mwaka w’2011, inyuma y’umwaka umwe. Abahurukiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike muri Congo ari nayo yikeka ko umukuru w’igipolisi muri ico gihugu yoba azi ivyerekeye urupfu rwa Floribert Chebeya yarikuye muri urwo rubanza.

Muri ayo mashirahamwe twobabwira nk’abacamanza batagira imbibe. Umukuru w’iryo shirahamwe François Cantier, afise icicaro mu gihugu c’Ubufaransa yamenyesheje ko ukuri kugoye kuja ahabona ku rupfu rwa Floribert Chebeya yihweje icuka ca politike kiri mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 7.4 ko
François Cantier wo mw’ishirahamwe ry’abacamanza batagira imbibe

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.