Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka yo mu buyabaga isa n’inzira ishikana ku gusara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imyaka yo mu buyabaga isa n’inzira ishikana ku gusara

Imyaka yo mu buyabaga isa n’inzira ishikana ku gusara

mercredi 21 Myandagaro 2013

Kugira bashobore kwimara ishavu, bihaye ibara mu kugandagura umuntu. Iyo nayo n’imiyabaga ibiri ituruka mu gihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika. Iyo miyabaga yarashe ikoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, umunonotsi w’umunya Austrariya hari mukarere ka Oklahoma mu Burararuko bwa Leta zunzu ubumwe z’Amerika.

JPEG - 127.7 ko
Christopher Lane

Christopher Lane, w’imyaka 22, yarishwe mu gihe yariko yinonora imitsi mu ma barabara yo mu gisagara gito c’i Duncan, aho yari yarungitswe n’igihugu ciwe gukurikirana ibijanye n’ukwinonora imitsi murio ico gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika. James Edwards, w’imyaka 15, hamwe na Chancey Luna w’imyaka 16, nibo bagirizwa gukora ubwo bwicanyi. Michael Dewayne Jones w’imyaka 17, nawe akurikiranwa ko ariwe yariko atwara imodokari iyo miyabaga yarimwo igahita ikora iryo bara.

Nk’uko bimenyeshwa n’umushikirizamanza Jason Hicks, iyo miyabaga ibiri yagirizwa ubwo bwicanyi ishobora kuzocirirwa urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose. Icaha c’ubwicanyi, aho i Oklahoma, ntigifatira ku myaka ni ukuvuga ko bategerezwa guhanwa naho batarakwiza imyaka 18. Amakuru dukesha ikinyamakuru ABC News.com iyo miyabaga yari ishavuye munyuma ihitamwo kuryimara ibanje kwica umuntu. Umukuru w’igipolisi aho i Duncan Danny Ford, avuga ati « Nyakwigendera yariko yinonora imitsi.Yaraciye iruhande yaho iyo miya baga iba, uko ari itatu, imubonye arenganye isohora imodokari iramukurikira. Baciye bamurasa mu mugongo baca barahunga.»

Se wa nyakwigendera yabwiye abamenyeshamakuru, ati” biratubabaje cane, kubera n’ibintu bitumvikana. Ariko wari umunsi wa nyuma w’ubuzima bwiwe. Gerageza mutahure ikiringo c’imyaka y’ubuyabaga gisa n’inzira ishikana ku gusara.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.