Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyiyerekano irabandanya ku murwa mukuru wa Ukraine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imyiyerekano irabandanya ku murwa mukuru wa Ukraine

Imyiyerekano irabandanya ku murwa mukuru wa Ukraine

lundi 2 Kigarama 2013

Mu gihugu ca Ukraine abantu baharurwa mu majana bari mu myiyerekano irwanya Reta barinjiye kuwa gatandatu, ku nguvu mu nzu ikoreramwo ubuyobozi bw’igisagara ca Kiev, umurwa mukuru w’ico gihugu.

Abari mu myiyerekano bamenye amadirisha y’iyo nzu, bariko baririmba indirimbo zivuga ko "Kiev ari iyabo".
Baciye batora ibendera ry’igihugu ryari muri iyo nyubakwa. Aho hose baguma basaba ko umukuru w’igihugu Yanukovich yotanga imihoho kubera ko yanse gutera umukono ku masezerano y’ugukorana hagati y’umuryango w’ubumwe bwa buraya n’ico gihugu ca Ukraine.

Abanyagihugu bari mu myiyerekano muri ico gihugu baranse kwubahiriza itegeko sentare yafashe kuwa gatandatu ku mugoroba, itegeko ribuza abari mu myiyerekano kwegera ikibuga citiriwe ubwigenge, ikibuga kiri mu gisagara ca Kiev hagati.

N’aho imigumuko ibandanya muri ico gihugu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabariye abariko bagira imyiyerekano, abamenyesha ko igiporisi gishobora gukoresha inguvu mu gihe hokwaduka akajagari.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.