IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imyiyerekano yasubiye gukomera mu Kanyosha na Musaga

Imyiyerekano yasubiye gukomera mu Kanyosha na Musaga

lundi 4 Rusama 2015

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bazindukiyeko mu makomine ari mu Bumanuko bw’igisagara, aho bari baturiye amapine menshi, ivyatsi n’ibindi.

Aho bita ku mabarabara abiri muri komine ya Kanyosha, ntawarengana, abanyagihugu bazindutse baraturira amapine, ndetse bahamagarira imisore n’inkumi kutaguma mu mazu yabo, ahubwo kuza kwifadikanya nabo. Abasirikare nibo baboneka aho muri komine ya Kanyosha, aho basavye abariko baturira ayo mapine kureka.

Ushitse aho bita kw’iseminari ntoya, abavuye mu Kanyosha bakaba bahuye n’abo ku Musaga, bugariza iryo barabara, bakaba bahakuwe n’igiporisi kibanje kubatera ivyuka vyokera, ndetse n’ukubarasa amasasu. Bamwe aho kw’iseminari ntoya bafashwe, bakubitwa bimwe bikabije. Abari aho kw’iseminari ntoya mu myiyerekano, bakaba baciye bagenda, mu Kinanira ca Musaga, aho bagiye barahitanana, baca bahura n’abari bavuye mu Kanyosha, baciye aho bita ku ry’12, baca bugariza ibarabara rya Musaga.

Abo banyagihugu rero bakaba bari benshi cane, aho mu butumwa bagenda barahana, bavuga ko bokanura maremare, kuko Adolphe Nshimirimana yahinduye umukenyuro, ubu akaba agendera mu miduga ya gisirikare, uwo nawe bakaba bamwagiriza ko agenda arabarasa. Abo twashoboye kuyaga, bamenyesha ko iri yinga rigira kabiri batanguye imyiyerekano, bizeye ko ibintu bigiye kugenda neza, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza agaheba gusubira kwitoza ubugira gatatu, atari uko naho, bavuga ko batazomwemerera, na rirya bumvise ivyavuzwe n’abarongoye inzego za gisirikare.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.