Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye muri Bresil - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye muri Bresil

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye muri Bresil

mardi 18 Ruheshi 2013

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu bo muri Bresil baragize imyiyerekano, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi 2013, i Sao Paulo hamwe no mu bindi bisagara bikomakomeye hafi nka vyose vy’igihugu. Bakoze iyo myiyerekano mu ntumbero yo kwiyamiriza iduga ry’ibiciro vy’ukwiyunguruza hamwe n’igiciro co kuja kurorera inkino z’umupira w’amaguru mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mwaka w’2014.

I Brasilia, ahari ikirimba c’umukuru w’igihugu, abiyamamaza n’ishavu ryinshi bateye n’inama nkenguzamateka.

Abantu bangana n’ibihumbi ijana(100.000) bari mw’ibarabara Rio de Janeiro. Iyo myiyamamazo yabaye mu mutekano ntangere yatanguye ku mugoroba. Imishamirano n’inzego z’umutekano yatumye abantu batari bake bahakomerekera.

Abiyamamaza batanguye haraheze indwi i Sao Paulo, umurwa mukuru w’ubutunzi bw’igihugu, kubera iduga ry’ibiciro vyo kwiyunguruza gushika ku bice 7 kw’ijana. Ubu rero ni igihugu cose ciyamamaza. Ku mugoroba wo kuwa mbere, abagera ku bihumbi amajana n’amajana mu gihugu cose bari muma barabara, i Porto Alegre Horizonte, Maceio, Fortaleza, Salvador hamwe ni Belem muri Amazonie.

I sao Paulo, imyiyamamazo mu mutekano yegeranije abantu bagera ku bihumbi 65000 batigeze bashamirana n’abaporisi ariko mu ndwi iheze imishamirano yari yatumye abantu batari bake bahakomerekera.

Mukamenya ko ata myiyerekano nk’iyo yari iherutse kuba muri Bresil haraheze ikiringo kirekire kandi n’abategetsi ntiborohewe narirya bimirije kwakira inkino z’igikombe c’isi yose.

Umushikiranganji w’inkino yagabishije abiyamamaza ko batazokwihanganira na gato ico cose kizoza gishaka guhagarika ibihe bihambaye bimirije.

Twobamenyesha ko muri urwo rukurikirane rw’imigumuko, abiyamamaza batumiriwe kandi kwihereza amabarabara kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi 2013.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.