Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyuga 3 ya 1 ituma abagabo biyumvira cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imyuga 3 ya 1 ituma abagabo biyumvira cane

Imyuga 3 ya 1 ituma abagabo biyumvira cane

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Hari ubuzi butatu kurusha ubundi umuntu ashobora kubona urugero bashobora ku mukundirako.Umuhora wa Neteden warasavye abagabo kugira amatora ku buzi bubarotesha cane bubatuma biyumvira .Reka mubwirabire namwe

Ngo biravugwa ko kenshi mu bintu bituma agira ivyiyumviro akarota akenshi ngo ntibihinduka .Iyo tubajije abagabo ngo batore ubuzi bukorwa n’abakenyezi bakunda bubarotesha,inyishu zabo ziratangaje cane.Nk’uko vyatondetswe na Neteden, itondeshwa ry’ubwo buzi butuma ushobora gutuma abantu bagukunda na cane cane abagabo ntabitangaje birimwo ahubwo n’ukubishira ahabona gusa.Ng’ubu ubwo buzi rero :

1.Umunyamabanga(secretaire)

Ukuntu umunyamabanga ashobora gukundwa Bigenda biragabanuka uko imyaka igenda iriyongera.Ibice 36 kw’ijana vy’abagabo babandanya barota urya mukobwa yambaye akajipo ,ikirato kirekire kivuga ahaciye ,agashati kera yambaye amarori kenshi aca aboneka nk’umuntu ameze neza atakibi yokora. Imisi yose yama ari ngaho yiteguye kwakira abantu mu gufasha ico umuntu akeneye kandi yama afise akanyamuneza , arazi kuvugisha abantu ,umunyabanga arakunda gufasha abantu kandi abikora agutwengera.Ivyo bituma bishusha ubwonko bwa bamwe bamwe.

2 .Abagore bikorera ivyabo

Aho batandukanye n’umunyamabanga (secretaire),uwo mugore we si ko ameze .Kenshi usanga yambaye ikirato kirekire gisongoye hamwe n’impuzu zishonye n’ubuhinga bwinshi aho aciye rero arahonyora ivyo abonye vyose kugira ashike kuvyo yipfuza.Arafise ivyiyumviro vyinshi ,arakunda gushika kuvyo yiyemeje ,nta na kimwe kimutera ubwoba na cane cane ntatinya kuvuga ivyipfuzo vyiwe.Uko kuntu rero akora ibintu ata bwoba ashobora no gusohora mubiro vyiwe canke akagucako ngo ibice 29 kw’ijana vy’abagabo birabatera kwiyumvira kuri bene abo bagore.

3.Umuforomakazi adatinya

Abaforomakazi baguma ari aba mbere mu mitwe y’abagabo.Irya kanzu bambara yahindutse umwambaro ubaranga idafise ukuntu ishonye ,ibice 21 kw’ijana vy’abagabo birabandanya kwibaza ko musi y ‘irya taburiya y’abaforoma baba atana kimwe bambaye. Kwumviriza ibiriko biravugira mu mubiri w’umuntu ,gushaka kumenya umutima ngene utera iherekejwe no gusa n’uwugukubitiye akagohe ,kenshi n’ico gitanda co mu bitaro abagabo baca batangura kuciyumvira ukundi.Tutarinze kuvuga kurya kuntu umuforomakazi yifuza kugufasha hamwe na wa mutima w’ubuvyeyi nka nyina w’umuntu wo gukora neza utuntu twose akagufata neza ivyo biraremesha abo bagabo baba kenshi bakunda gufyinishwa.

Inyuma y’ivyo ,haca hakurikira bamwe barera abana (babysitter) abo nabo baza ku bice 5,8 inyuma ya bose haza bamwe baharura amahera yinjiye n’ayasohoka (comptable) nabo bafise ibice 2,2 kw’ijana vy’amajwi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.