Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama idasanzwe y’abategetsi ku bijanye n’itituka ry’isi ndimwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Inama idasanzwe y’abategetsi ku bijanye n’itituka ry’isi ndimwa mu (...)

Inama idasanzwe y’abategetsi ku bijanye n’itituka ry’isi ndimwa mu Burundi

mardi 17 Nyakanga 2013

Itituka ry’isi ndimwa ni kimwe mu bituma haba inkukura, ugusenyuka kw’amabarabara, ibiraro n’imisozi, umwimbu muke, igabanukaba ry’ibiterwa, inzuzi zitaba zigica mu nzira zabigenewe, igabanuka ry’inzuzi, n’ibindi.

Ku civugo “Gutanga uburyo burama mu gukingira amasi", ubushikiranganji bw’ibidukikije bwatunganije uruganda rudasanzwe kuri uyu wa kabiri wa 17 Nyakanga ku bategetsi bari mu nzego zo hejuru, abashingamateka, abakenguzamateka, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu, n’abandi bategetsi badasanzwe.

Intumbero y’urwo ruganda akaba yariyo guhimiriza no gusaba abategetsi bo nzego zo hejuru, nk’abarongozi mu vya politike, abatowe n’abanyagihugu, abatanga uburyo, abashigikira iterambere kugira bafashe umugambi w’iterambere mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza urwo ruganda, umuyobozi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko gukingira ibidukikije hamwe no gutunganywa kw’ibikorwa birama biri mu bintu bikuru biraje ishinga Leta y’Uburundi. “Itunganywa ry’urwo ruganda rije hageze kuko rije gufasha kandi gushira mu ngiro imigambi Leta yishinze, nko gukingira amashamba cimeza, gukingira isi ndimwa, kurwanya inkukura no kurwanya itituka ry’ikirere.

Kubw’umushikiranganji w’ibidukikije, kuvuga itituka ry’isi ndimwa hamwe n’ubugararwa mu Burundi, bisigura ubukene, ikigoyi n’inzara. Iryo tituka ry’isi ndimwa bikaba biri mu bituma ubutunzi bw’igihugu buhagarara mu Burundi mbere bikazana n’ingorane zidasanzwe mu gisata c’ibidukikije.

Ku bijanye n’ivyokorwa kugira birinde itituka ry’ isi ndimwa riterwa ahanini n’inkukura, ukwicira ibiti mu mashamba bidakurikije amategeko, inkukura hamwe n’igwirirana ry’abantu, umushikiranganji w’ibidukikije yasavye guhimiriza bahereye ku bategetsi, abenegihugu bakamenya kuvyara ku rugero kuko n’amasi abandanya yaga, kurwanya imiriro ya nyakanga no gutera ibiti kugira barwanye inkukura.

Yasavye kandi ahimiriza abategetsi ari nabo urwo ruganda rwari rwateguriwe guhimiriza gushigikira umugambi wo kwongerereza ubumenyi ku bijanye n’itunganywa rirama y’amasi mu Burundi n’abanegihugu bose gukingira isi ariyo soko nyamukuru y’itunga mu Burundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.