Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama ku kiyaga Tanganyika yashitse ku bitari bike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Inama ku kiyaga Tanganyika yashitse ku bitari bike

Inama ku kiyaga Tanganyika yashitse ku bitari bike

mercredi 24 Mukakaro 2013

Abashikiranganji bajejwe ibidukikije bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bamaze iminsi itatu bariko barigira hamwe uburyo bukenewe mu guteza imbere ikiyaga ca Tanganyika, ndetse n’abahinga bofasha muri ico gikorwa.

Iyo ikaba yari irongowe n’umushingamateka wo mu karere ka EAC ajejwe ibibazo vy’imibano Jessica Eriyo ndetse akaba ari nawe yayuguruye. Ikiyaga Tanganyika gisanzwe gica mu bihugu bine vy’Africa arivyo: Uburundi, Tanzaniya , Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo na Zambiya. Uretse akamaro ico kiyaga gifitiye ivyo bihugu, avuga ko ico kiyaga gikwiye gushigikirwa, kigatezwa imbere na rirya arico kigira kabiri kw’isi mu biyaga birebire uja mu kuzimu. Abandanya kandi avuga ko haba ikiyaga ca Victoriya canke Tanganyika vyose bikeneye ikorwa neza kandi ivyo bikaba vyofasha, mw’itezwa imbere ry’ibidukikije mu karere duherereyemwo co kimwe n’ubutunzi.

Ikindi umupfasoni Jessica avuga n’ubufatanye haba mw’itwara abantu n’ibintu biciye mu kiyaga ca Tanganyika bifasha mw’ifashanya mu bisata bitandukanye. Ikiyaga ca Tanganyika rero kiri mu bituma ubutunzi bw’iyongera kuko haba ku bivuko canke ku bidandazwa bica muri ico kiyaga, bitozwa amakori, eka ntawokwibagira amafaranga yinjira mu bigega ku bw’ingenzi ziba zije gutemberera ibihugu bicamwo ico kiyaga.
Ibikorwa bitandukanye bikorwa n’abantu begereye ico kiyaga, bimwe muri vyo biragititura kuko hari ibihonya ibinyabuzima mu gihe hari n’abandi bantu bakora ukwo bashoboye ngo bagiteze imbere. Ni muri iyo ntumbero rero ikiyaga Tanganyika gica mu gisagara ca Rumonge cagendewe kugira barabe ukwo abarangurira imirimo muri ico gisagara na cane cane hafi y’ikiyaga Tanganyika boba bubahiriza ibidukikije ndetse n’ibinyabuzima vyo muri ico kiyaga.

Uwambaye ikirezi ngo natabona ko cera ari co gituma abanyagihugu bose boshigikira ico kiyaga, bagafasha mu kugikingira ndetse no mu kugiteza imbere kuko umusaruro w’ico kiyaga utunze abantu atari bake, abantu baba ku nkengera z’ico kiyaga barazi atagukekeranya akamaro bamariwe n’ico kiyaga, ari naco gituma boba abambere mu kukibungangabunga aho gufasha mu kugititura.

Ikindi n’uko hari inkozi z’ikibi usanga zishaka guhungabanya umutekano ziciye mu kiyaga Tanganyika, ivyo rero abanyagihugu bohamerera magabo, ndetse n’abandi basuma biba mu kiyaga hagati nabo nyene inzego z’umutekano zoraba ukwo zifashanya n’abanyagihugu bagaheza bagatuza iyo mirwi yose y’abahungabanya umutekano baciye mu kiyaga Tanganyika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.