Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nkuru ku butunzi mu makungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inama nkuru ku butunzi mu makungu

Inama nkuru ku butunzi mu makungu

dimanche 27 Nzero 2013

Abategetsi bavuye mu bihugu bikomakomaye vyo kw’isi mu vyerekeye ubutunzi, baraye barangije inama yabereye mu gihugu c’Ubusuisse, aho bagabishije bavuga kw’intambwe mu gikorwa co kuzamura ubutunzi mu makungu, ikiri ndende.

Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu, FMI, Christine Lagarde, mu kiganiro yashikirije ejo ku musi wa gatandatu ari mu gisagara ca Davos mu gihugu c’Ubusuisse, yavuze kw’akizero ku butunzi buriko burisununura buhoro buhoro, kazova ahanini ku ngingo nyazo, ibihugu bikomeye mu vyerekeye ubutunzi vy’ibulaya, Leta zunze ubumwe za amerika hamwe n’Ubuyapani, bizofata.

JPEG - 9.2 ko

Yarateye akamo ibihugu 17 vyo mw’ishirahamwe ry’ibulaya bikoresha ifaranga rya Euro, abisaba gukomera ku migambi nyayo yerekeye ubutunzi, yongera arashima kw’ibihugu bibiri vy’ibulaya, Ubutaliyano hamwe na Espagne, vyasimvye amakuba y’ikibazo c’ubutunzi mu bihugu vy’ibulaya.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.