Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nkuru y’umutekano ya ONU itegekanya gufatira ibihano Sudani y’amaja (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inama nkuru y’umutekano ya ONU itegekanya gufatira ibihano Sudani y’amaja (...)

Inama nkuru y’umutekano ya ONU itegekanya gufatira ibihano Sudani y’amaja epfo

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagabishije ko ishobora gufatira ibihano abamaze iminsi bakora ibikorwa vyo guhohotera abanyagihugu muri sudani y’amaja epfo.

Mw’itangazo ryasohowe ku munsi wa kane igenekerezo rya 24 Ndamukiza, inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU irerekana ko ihagaritswe umutima n’ibijanye n’ubwicanyi bwabaye hagati y’ukwezi kwa Ndamukiza ahitwa i Bientu, abanyagihugu baragandagurwa. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikaba ryegetse iryo bara ku barwanyi bari mu bumanuko bwa Sudani.

Abagize iyo nama nkuru y’umutekano basavye bashimitse ko bohagarika vuba bwango irengwa ry’amategeko ririko ryibonekeza muri kino gihe,bavuga kandi ko bazokora ibishoboka vyose mu gufata ingingo zikenewe zose ku bakora ivyo bikorwa vy’ubwicanyi. Iryo shirahamwe ribandanya ryiyamiriza igitero cabaye kuwa 17 Ndamukiza ahitwa Bor, kw’ibarabara aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryegeranirije abanyagihugu. Inama nkuru y’umutekano iriko itegura gufatira ibihano abakoze ubwo bwicanyi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.