Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama yo gutora umukenyuro w’akarere mu kurwanya Boko Haram yatunganijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inama yo gutora umukenyuro w’akarere mu kurwanya Boko Haram yatunganijwe

Inama yo gutora umukenyuro w’akarere mu kurwanya Boko Haram yatunganijwe

samedi 17 Rusama 2014

Umukuru w’igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan, kuri uno wa gatandatu niho yashika mu gihugu c’Ubufaransa, aho agiye mu nama ijejwe umutekano w’akarere, inyuma yaho umuhari w’intagondwa za Boko Haram zinyuruje abanyeshure barenga 200 babakuye kw’ishure bigako.

Iyo nama iza kuba irimwo umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Nigeria, Cameroun, Niger, Tchad hamwe n’abaserukira ibihugu vya Reta zunzubumwe za Amerika, igihugu c’Ubwongereza hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, mukamenya ko iyo nama ifise intumbero yo kurabira hamwe umukenyuro akarere kofatira umurwi w’intagondwa z’abislamu ba Boko Haram ugisibije mu gihugu ca Nigeria. Uwo murwi wavutse mu mwaka w’2002, ubu ndetse ukaba ubangamiye n’ibihugu bibanyi vya Nigeria.

Tubibutse ko abo barwanyi banyuruje abanyeshure barenga 200 kuwa 14 Ndamukiza i Chibok, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, aho n’amasanamu yabo bana yerekanywe n’umukuru w’uwo muhari Abubakar Shekau, mbere batera ubwoba ubutegetsi bwa Nigeria ko abo bigeme bazohava babarongoza ku nguvu, canke naho babagire abaja, ikibazo catumye n’amakungu yose ahagurukira rimwe mu kwiyamiriza ubwo bubisha.


Floxella Karire

Messages

  • amakungu nahaguruke mbere natwe badutumeko tuje kubakorerako tubomore abo babisha b’intagondwa.

  • kuki presida wa nigeria yagiye mu bufarasa aho kunyarukira ibujumbura agasaba imbonerakure zikaja kwereka izo ntagondwa za haram?dufise urwaruka rukaze cane rwokwirabamwo izo ntagondwa kandi bogarukana nabo banyurujwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.