IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Inama zigamije iterabwoba ku banyeshure bo muri kaminuza za Reta ziraterwa (...)

Inama zigamije iterabwoba ku banyeshure bo muri kaminuza za Reta ziraterwa ivyatsi

jeudi 20 Ntwarante 2014

Abanyeshure baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi hamwe no muri kaminuza nderabigisha ENS, basaba abarundi n’amakungu gucira umukenke abanyeshure bane, uwitwa Nahimana Paterne yiga mu gisata c’uburimyi mu wa gatatu ,Nzoyisaba Innocent mu gisata ca Biologie mu wa gatanu muri ENS, Bangiriyinama Elias yirukanywe muri kaminuza y’Uburundi, amashure amunaniye aho mbere yagirizwa gucanishamwo abanyeshure, yishimikije ubudasa bw’ imigambwe hamwe na Manirambona Sammuel yiga mu gisata c’ubuganga mu mwaka wa gatatu muri kaminuza y’Uburundi.

Bagiriza abo banyeshure kuba bariko barakoreshwa mu guhamba bene wabo bigana. Abo banyeshure badoma urutoke ku banyeshure 4 bagiriza kuba babaye ba nsumirinda, bagiye bagirisha utunama bahenda abanyeshure batonde ku mashure. Abo banyeshure baravuga amanama yoba yagiye abera mu kamenge ku muhana w’umunyeshure Elias asanzwe yarirukanywe muri kaminuza y’Uburundi hamwe n’izindi nama zibera mu ngoro y’umugambwe CNDD-FDD. Muri izo nama nk’uko bivugwa nabo banyeshure, zari zigamije kurondera abanyeshure bokwitaba akamo, ku munsi wa mbere abatazotonda nabo, ako karwi kazoca kabandika mu nyuma bakabashora ku buyobozi bwa kaminuza kugira bafatirwe ibihano bikomeye. Umunyeshure Paterne Nahimana asanzwe avugwa muri ako karwi arabihakana mbere agirako atera akamo bagenzi biwe, kuguma bafatanye mu nda muri kino gihe.

Tubibutse ko intandaro y’ico cuka kibi kiriko kiva ku ngingo y’umukuru w’igihugu inomero 100/07 ryo kuwa 14 Nzero 2014 , iryo naryo risubiramwo uko agafashanyo gatangwa, ari ryo ryatumye abanyeshure bo mu kaminuza ya reta bata ivyigwa, ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, buca bubafatira ingingo yo kubarungika mu mihana iwabo mu kiringo c’iminsi 10 ,abanyeshure batanu baserukira abandi barirukanwa mu kiringo c’imyaka ibiri.

Kuri iyo ngorane iri muri kaminuza za Reta, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka Yozefu Ndayizeye, avuga ko ubu igitigiri c’abanyeshure ciyongereye kandi ubutunzi bw’igihugu ari buke ni naco gituma ibintu vyari bikwiye gutera imbere. Arakebura Reta ko yari ikwiye kubanza kugira uruganda rwo guhimiriza abo banyeshure bakaganira , imbere yo gufata iyo ngingo. Muri ico gihe abanyeshure nabo bari gushobora gutanga intererano zabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.