Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Incamake ku bahisi Ghislain Dupont na Claude Verlon - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Incamake ku bahisi Ghislain Dupont na Claude Verlon

Incamake ku bahisi Ghislain Dupont na Claude Verlon

mercredi 6 Munyonyo 2013

Abamenyeshamakuru babiri b’insamirizi y’abafaransa RFI bagandaguwe ku musi wa gatandatu babanje kunyuruzwa ngo bari abakozi b’akarorero, bitangira umwuga wabo, Haba Claude Verlon canke Ghislaine Dupont.

JPEG - 20.4 ko
Ghislaine Dupont

Ghislaine Dupont yapfuye afise imyaka 51, yari umumenyeshamakuu akomeye mw’ insamirizi ikomeye y’abafaransa ariyo RFI. Kuri iyo nsamirizi y’umvirizwa cane kw’isi, Ghislaine yarasanzwe ari umumenyeshamakuru atororokanya inkuru (reporter) akongera akaba yaratohoza amakuru. Mu kwezi kwa Nyakanga uno mwaka yaciye ashingwa kuba umuhanuzi w’abandi banyamakuru muri Afrika (conseillère éditoriale de la rédaction en Afrique).Ghislaine Dupont yinjiye mu nsamirizi RFI mu mwaka wa 1990. Ico gihe yaciye atora kuza arakora amakuru yo muri Afrika .Yarakoze mu ndwano ya Ethiopiya na Erytreya. Yarakoze muri Repubrika Iharanira Demokarasi ya Congo, inyuma yo kuja muri Côte d’Ivoire. Mu gisagara ca Kinshasa yarirukanywe kumvo ko yanse guhengama mu gihe c’amatora ya mbere n’aya kabiri y’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2006. Ico gihe abamenyeshamakuru baciye bagira yegereyegere. Mu gihugu ca Mali akaba ariwe yakoze inkuru zijanye n’amatora hamwe n’indwano iriko ibera i Kidal.

JPEG - 6.1 ko
Claude Verlon

Claude Verlon nawe yari afise imyaka 58. Yari umuntu yitanga cane gose. Havuzwe kuja ahantu hakaze intambara, nko muri Afghanistan, muri Libya, Irak, ntiyainya kuja gukorerayo. Claude Verlon ari ku mirimo yiwe ya misi yose yarakunda cane ivyo ubuhinga bw’ivyuma. Mu gihe insamirizi RFI igire ishira ama studiyo mu bindi bice vyo kw’isi, Verlon yari bitumwako. Yari umuntu amariye akamaro ntangere isamirizi RFI,na cane cane kugira amajwi ashikire abantu. Claude Verlon yakorera RFI kuva mu mwaka wa 1982.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.