Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahungu n’abakobwa ntagaciro bagiha ubusugi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abahungu n’abakobwa ntagaciro bagiha ubusugi

Abahungu n’abakobwa ntagaciro bagiha ubusugi

mardi 7 Nzero 2014

Aho hambere hahise imico y’igihugu c’Uburundi yarabuza umwigeme kuja kwubaka urwiwe atari isugi kuko yaba ateje urumbwa abavyeyi biwe n’umuryango. None n’ubu niko bikiri? Mbega umuhungu asanze ku munsi w’ubugeni umugore atari isugi abigenza gute ? Abahinga babivugako iki ?

Mu Burundi bwa nyaburunga carazira kikaziririzwa ko umwana w’umwigeme aja kwubaka urwiwe yarataye ubusugi. Uko imyaka yagiye iza niko uwo muco wagiye uratituka. Muri ino myaka, ubusugi ku mukobwa bisigaye bumeze nk’ibintu bisanzwe. Abakobwa bobo bivugira ko ata muhungu yoba akirondera isugi kuko ari bo nyene babubambura. Bavuga kandi ko isugi atariyo yubaka urugo, basigurako umukobwa ategerezwa kuja kwubaka azi ikimujanye : kuryohera umugabo. Kugira rero umugabo aryoherwe, umukobwa asabwa kumwereka ko hari ico azi ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina. Ivyo mukubigira, abakobwa bavuga ko umugore adashoboye kuryohera umugabo wiwe bizana ingaruka mbi mu rugo cane cane kuja kurondera abandi bagore canke abakobwa babizi kumurusha.

Ku ruhande rw’abahungu, abatari bake bibwira ko kugira umukobwa amwereko ko amukunda bagira imibonano mpuzabitsina, ivyo rero bigahakwa kumera nk’umugenzo ku bahungu. Mu gihe rero umuhungu atanguye gukundana akiri muto akaba afise ako gatima, agera kurongora amaze guhura n’abakobwa benshi yaciye ince. Ivyo rero bituma iyo hageze kurongora umuhungu ataba acitayeho kurondera umukobwa w’isugi, kuko nawe azi benshi yoba yarabwambuye kandi bazorongorwa n’abandi.

Kuri izo mpande zose, umuntu yokwibaza kuki umukobwa atokwankira umuhungu kugira ubwo busambanyi kandi haraho biba biboneka neza ko ata bugeni bazogirana? Akarorero, n’aho twama twumva hirya no hino abana bigana bateranye inda, none umwana w’umukobwa yiga mu mwaka w’indwi yokwemera gute kuryamana n’umuhungu bigana yitwaza ko aronse umugabo ? Mbega umuhungu abigira yibaza ko uwo ari we bazokwubakana ?

Genevieve de Fontenay, umuhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, avuga ati : "Iciyumviro co kugumana ubusugi gushika ku munsi w’ubugeni si ciza, ahubwo umukobwa yokwitegura kare kugira na ntaryo amenyeko igitsina gore ciwe gikomeye." Aca abaza ati : "Mbega umukobwa akuze yogumana ubusugi bwiwe hama agiye kurongorwa agasanga ntakomeye yobigenza gute ?"

JPEG - 6.3 ko
Genevieve de Fontenay, umuhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Hari vyananiye gutahura!ikigihe umukobwo atanguye kumera ibigere abahungu ndetse n’abagabo amaso bababafyuye ari impa,impa,impa!None naho woba ufise umutima umeze gute woshitsa imyaka yokwubaka atawuragukondora ko mbona bamwe bazana amahera abandi ibindi?Hari nabaza bakagusaba ko kamwe wokwemera rimwe gusa umuriyoni w’amahera y’u Burundi bawutanga bakayagufatisha mu minwe atakindi barondera atari ako gasugi kawe; none aho wohava gute?Ivy’uwo muhinga nivyo birashika ukaja kwubaka ugasanga ufise ingorane.Hari umugenzi wanje yagiye kwubaka amaze imyaka 32 amaze kurushikamwo umugabo wiwe yasanze ata developpement biologiques yabaye ku bihimba vyiwe vy’irondoka inyuma y’indwi imwe yari yirukanwe n’ubu ahaciye hose bamukwirikiza urutoke.Iyo abigira kare akimenye yaru kwivuza canke ntasezaguze abantu canke ngo yiyambike ibara.Abakobwa twarabuze uko tuvyifatamwo,tuzobaha ntakundi!!!!

  • Hiyo mwiriwe ewe murako bantu bo ku igihe.ubu ivyo vyakera bwari ubwicanyi bwo kwicwa nintuntu yivyo ubona kandi ariko rero subiye inyuma ibintu vyirwara ntibyariho iyo sida imitezi nibindi vyadutse aho dutanguye guteza imibiri yacu agaciri dutanga tudatinya mwe rero nti murabona aho bigezweho niho mwobonye ko nta vagin igihari kwisi,bavandimwe jewe aho ndi ndarira nkihorera umwana usanga afise boy frend usanga bahete amabegi bava kwishuri basomana ntasoni nyina nase nabo nuko uyobrwa ko iyisi turiko ikiri iyanyagasani canke iyabo bikakunanira,bigeme mukuja muduha ja muja mukoresha condom pls,

  • MBE UBU BOBA BAKIRIHO NONE ABAKOBWA BISUGI?

  • CHRISTOHE PERERE MURWANDA ,NSHIMYE,INKURUMUTUJYEZAHO.

  • Ivyo Jew Sindavyemey Ko Umukobw Yogenda Kwubak Amaze Gucibwa Ubusugi.Naho Mwavuze Ngo Atabigize Kare Akaja Kumugabo Agasanga Ntakomeye Ngo Yobigenza Gute?Icombona Yoca Yitura Umuganga Abijejwe

  • Naje Mfite Ikibazo Uwo Dukundanye Turigana Mumwaka Wa N2 Mfite Ubwo Ko Atazontwara.Mumpanuyiki? Kandi Ndiyumvira Kumwereka Ubusugi Bwanje

  • niyumvira ko umukobw yotegerezwa kuguman ubusugi bwiwe gushitsa kumunsi wubugeni kugirango uwo muhungu amuciye ubusugi aze amukunde gose atakumwikeka ko yoba yaramusangije n’abandi

  • KUGUMWA UBUSUGI NIVYIZA KUKO HARAHO UPIMA UGACA UTWARA INDA UTIPHUZA

  • MURAKOZE.NDI UMWIGISHA MUKUTSAKIVI KUMUSENYI I BUBANZA.BIRAGARAGARA KO UBUSAMBANYI MUBANA BUKORWA IMBONANKUBONE.KUBWANJE RERO UBUSUGI BURAKENEWE KURI BOSE. UMWANA UMWE YAMBWIYE ATI:"NDANGOY (MARIAGE)UMUKOBWA NKASANGA SI ISUGI NOCA MWIRUKANA,MBERE N’INKWANO BOZINSUBIZA."UWUNDI ATI:NANJ NSANZE ARISUGI NOMWIRUKANA KUKO ZIRARUHISHA. NAMW DUHE UMUCO:WOSHIGIKIRA UWAH MURABO BABIRI?NDASAVY MUGWIZE INYIGISHO KUKO UBU NTIBIKINAVUGWA MUMASHURE CABURE MUDUHE AMA CLUB STOP SIDA N’IZINDI TUBIVUGEMWO.NDISABIY AKAZI KUKO NAGAKENYE

  • Ahubwo Nibara K,umutemere Ibere Ryarayaz Kubona Uwitwa Ngo N,umwigeme Aho Asigay Aja Kwubaka Umengo Yaraciy Imvyar Nibikubite Agashi, Uwo Avugako Atamasugi Ahari Ariraba Erega Bose Ntibamez Nkuyo Yataye Ibanga

  • murahumba,abo bose bavuga ko umukobwa yoja kubaka ata busugi afise,nishari kubataye ubusugi,jewe neza ndazi naho nzoba mfise 35ans nzomuronka,Imana niyo imfitiye imigambi

  • Nakamaramaza ubu Muburundi nzima Nta sugi woronk .Kuber Barabay Ndayi bambirw,Nagahomera Munya.

  • Ngo ikinyoni kigiye kitavuze kiba ari icana.Jewe nihweje ingene inda zindaro zabaye umurengera.Ntawobeshera abavyeyi ko bataruta ahubwo abana womenga batewe n’ikiza kuko nko kumutumba umwe urasanga abakobwa barenga batanu bibungenze kandi si ugushikuza kuko nivyo mbona.Jeho mbere IMANA ikantumberezako uwukiri isugi nzomuteriteka mukugira wa muco wa kera aho batwara inzoga kwa nyina wiwe bagashiramwo umukenke udaciye.kuko azoba anyeretse ko atisesaguye kandi nzomukunda cane.

  • Emwe Ntibitangaj Abigeme Bub Basambana Kumurango Atabwoba.Duhagurukire Indero Murwaruka Muburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.